BurundiEntertainmentIKIRUNDI_news

Mkombozi inyuma yo kuva i Makamba ubu naho Cibitoke ngo ba mwitege

Mkombozi uwu mwaka ngo nuwo gukora ibiteramo hafi Intara zose zigize igihugu agiye kuzigendera kuko hose bari bamukumbuye. Nayo i Bujumbura niho azokorera igiteramo ca Nyuma.

Igenekerezo rya 2 Ndamukiza uwu mwaka nyene yari I Makamba ari naho asanzwe avuka, igiteramo citabiriwe n’abantu benshi nkuko twabiberetse mu biganiro vyacu bica kuri Indundi Tv

ku musi wa Pasika igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2022 mu ntara ya Cibitoke akaba ariho azoba yibereye ku musi umwe azohakorera ibiteramo 2 mu bibanza bitandukanye
i Mabayi ahitwa Cerise Resto Bar kuva isaha 6 z’umurango gushika 12
isaha cumi 12 azoca yerekeza kuri Centre mu Cibitoke nyene ahitwa Thomary Hôtel hakazoba ari gushika isaha 4 zijoro.

Mu kiganiro yagiranye na Indundi Magazine yavuze ko avuye ngaho Intara ya Bubanza ariyo izoba iramukiwe hatabaye igihinduka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 435