Entertainment

Mkombozi : vidéo y’indirimbo yiwe Urukundo izosoka kw’igenekerezo rimwibutsa vyinshi

Nzeyimana Thomas Ubu abarizwa mu gisagara ca Bujumbura, inyuma yaho yari yakubitiye muri Tanzania kurangurirayo Ibikorwa vyiwe, ariko bikabonekako Ubuzima bwiwe yamaze kubwimurira mu gihugu c’amavuko, ibisigaye zizoba ari ingendo za genda garuka.

Tugerageje kuraba tubona ko Ibikorwa vyiwe asigaye abikorera muri Tanzania n’ikimenyamenya indirimbo yiwe Urukundo n’amasanamu yayo vyose vyakorewe murico gihugu.

Mugihe ibiteramo bikigoranye gukorwa mu gihugu aracarondera ukuntu azoyishira ku mugaragaro
igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2012, niho yaronkejwe agashimwe na Smart Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru
ryamuhawe i Moto mw’ihiganwa ryari ryatunganije.

Ni uwo munezero w’intibagiranwa ugiye gutuma kandi iryo genekerezo atarigisha ubusa,
Uwumwaka 2022 Ruhuhuma igenekerezo rya 12 hazoba ari ku musi wa gatandatu
atagihindutse niho azoshira ku mugaragaro amasanamu y’indirimbo yiwe “Urukundo”
tubandanye tumushigikira kuri youtube ni Mkombozi Lucifer.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 332