homepagesociete

Musaga:Basaba ko uruzitiro rw’ivuriro rito rya Reta rwabomotse rwosanurwa

Umwaka urarangiye uruzitiro rw’ivuriro rito rya Musaga mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura  rutarasanurwa kuva rubomowe n’imiduga yagiye irarugonga.Abasanzwe bitura iryo vuriro bafise amakenga ko hashobora kwaduka ubusuma bw’abantu bavuye inyuma .Uburongozi bw’iryo vuriro bushikiriza ko buriko buravugana n’abagonze urwo ruzitiro kugira barusanure.

Uriko mu gice ca Musaga mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura kubwinjiriro bw’iryo vuriro ubona igice kimwe c’uruzitiro rwubatse n’amatafari ariko ikindi gice kimwe ari naco cabomotse ubu kikaba cubatse n’amabati ubona ko asa nayashaje.Ugeze  mubigo vy’iryo  vuriro kandi ubona abantu baje kwivuza bamwe murabo bazanye abana kubateza inshinge z’incanco hamwe n’abakenyezi baje gusuzumisha imbanyi .

Abanyagihugu bitura iryo vuriro bavuga ko badatahura igituma  iryo  vuriro rya  reta  ryomara  igihe  nkico  cose  uruzitro rwaryo rutarasanurwa

Abaharwarije ababo, bo bavuga ko bamana  amakenga  ko  ibintu vyabo  bishobora kwibwa nabantu bashobora kwinjira muri iryo vuriro  bavuye hanze yazo.

Kubera gushika ubu urwo ruzitro rutarasubizwaho, bamwe  mubarwarije  ababo kuri  iryo vuriro, bidogera  kandi  abahita  co kimwe  nabateramira  mubunywero buri  imbere  yiryo  vuriro biahagarika  iruhande Yakazu gacamwo intsinga zishirahamwe  ryo  gutumatumanako ONATEL bagatinya ko ivyo  bishobora guteza amasanganya.

Abanyagihugu baba hafi yiryo vuriro co kimwe n’abihivuriza basaba ko urwo ruzitiro rwokubakwa .

Uwujejwe iryo vuriro muganga charlotte Musoni ashikiriza ko ubuyobozi bw’iryo vuriro bukiriko buravugana n’abagonze urwo ruzitiro kugira bahubakishe.Ariko  akaba atakiringo co kubaka urwo ruzitiro kirumvikanwako  n’impande  zompi.

Inkuru yanditswe na Christa Lyse Harerimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687