Entertainment

Mutima le Comédien arashima uko igiteramo ca Kigingi cagenze yongera abatumira

Kw’igenekerezo rya 14 Myandagaro 2022 nkuko twabibamenyesheje niho hari hategekanijwe igiteramo ca Kigingi citiriwe Kigingi Summer Comedy.

Isango ryabaye ntabanduka abantu isinzi bari bahishikiye kumushigikira.

Aba comédiens bagenzi biwe nka Ildephonse,Raoul, Mutima…..nabo bari bishikiye kw’ifatanya na Kingingi mu guteramisha abakunzi babo.

Mutima le Comédien vyanse ko yihangana abicishije mu nyandiko yanditse agira ati:”Kigingi Summer number one abantu isinzi vyaribitunganijwe neza kandi cane.”

Tubibutse ko igenekerezo rya 28 Myandagaro 2022 Mutima le comédien abandanya abatumirira mu giteramo ciwe Twenga na Mutima show ku ncuro igira kabiri akazoba arikumwe n’aba Comédien bagenzi biwe, ndetse na Kigingi akazoba ariho yibereye, kumwe n’abaririmvyi nka Sat -B,Masterland,Kirikou,Esther Nish……..
Ibiciro akaba ari ibi bikurikira

Imeza V.I.P ijako
abantu 10 ni 2.500.000 harimwo champagne n’inkoko zitatu na Heneken 10.

Abantu 6 ni 2.000.000 Jack Daniel n’inkoko 3 na Henekein 5

Abantu 5 ni 1.500.000 Black label + inkoko 2

Abantu 4 ni 1.000.000 back label+ inkoko 1

Iyindi y’abantu 4 ni 500.000 icupa zibiri Vin +inkoko 1

Abashaka ivyo bibanza uterefona 79206467

Ibiciro bisanzwe kw’injira izoba ari ibihumbi cumi(10000fbu)
V.i.P: (20000 fbu)

Igiteramo kikazobera kuri Miki igihe c’isaha 10 bizoba bitanguye

Twenga na Mutima show n’igiteramo kizoba kiraba Rimwe mu mwaka

What's your reaction?

Related Posts

1 of 332