homepagesociete

Muyinga; Abanyagihugu basaba kuronswa amazi meza

Haribonekeza ubukene bw’amazi meza k’murwa mukuru w’intara ya Muyinga abasanzwe baba ngaho bashikriza ko ubu bikora k’umazi bavoma mu myonga ivyo navyo bakemeza ko bibavuna.Ishirahamwe Regideso ritanaga amatara n4amazi muri ico gce riremeza ko ikena ry’ayo mazi ryatewe n’icuma capfuye ko vuba kigiye gukorwa.

Bamwe mu banyagihugu baba k’umurwa mukuru w’intara ya Muyinga bemeza ko muri kino gihe hibonekeza ubukene bw’amazi,hanyuma n’iyo bishitse amazi akanoneka amara umwanya urume rumara.

Abo banyamuyinga bashikiriza ko haraho biba ngombwa ko hari n’abaja kuyavoma mu myonga ivyo navyo bikaba bibasaba inguvu nyinshi,uyu agira ati :”aho tuja kuvoma uretse ko bidutwara umwanya utari muke kuko tugenda urugendo rurenga iminota cumi n’itanu , ivyo bikunyurwa n’uko kubera yuko haja kuvoma abantu benshi bavuye mu gisagara bigatuma tunigana gutyo hakavoma uwinguvu.”

Kubera ubwo bukene hari bamwe mubatanguye kuyagira urudandazwa ,bigatuma ikibido kimwe c’amalitiro 20 gishobora kugurwa amafaranga ari hagati y’i 1000 n’a 3000 :”Muri kino abo bishika akaza rimwe rimwe bayaririye kubera aba yaje ijoro ntibemera kuyatanga.Hari rero n’abayagira urudandazwa kandi abo baraheza bakayazimbako rwose,ibido barayigurisha kuva kumajana atanu gushika kuyarenga igumbi n’atanu “

Abo banyagihugu baba K’umurwa mukuru w’intara ya Muyinga basaba ko ico kibazo c’ubukene bw’amazi meza cibonekeza muri kino gihe cokemurwa gutyo n’ibikoresho bivurwa ko vyapfuye bigasanurwa kuneza yababa ngaho.

Uwurongoye akarere mw’ishirahamwe Regideso arahumuruzi ko vuba ico kibazo c’ikena ry’amazi kigiye gukemuka ,kuko yemeza ko abakozi bavuye ku cicaro c’ishirahamwe Regideso i Bujumbura bishikiye ngaho i Muyinga barabona icuma cari capfuye ko vuba kigiye gusanurwa.

Inkuru yanditswe na Theodore Siniremera

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687