Agriculturehomepage

Muyinga : Haribonekeza ubukene bw’imbuto z’ibigori

Bamwe mu barimyi bo mu ntara ya Muyinga bashikiriza ko muri kino gihe bahagaritswe umutima n’ubukene bw’imbuto z’ibigori ,ibintu bikunyurwa n’uko naho zibonetse ziba zizimvye ,ivyo bigatuma badashobora kwitegurira irima ry’imyonga barimwo. Abo barimyi basaba Reta kubaronsa izo mbuto canke ikabemerera bagakoresha izo bari babitse ku mwimbu bari baronse mw’irima riheze. Ubushikiranganji bw’uburimyi burabahumuriza ko bwiteguye gukora ibishoboka vyose kugira iri rima rize rigende neza.

N’umwitwarariko ushikirizwa na bamwe mu  barimyi bo mu ntara ya Muyinga aho bemeza ko bariko bitegurira irima ry’umwonga ariko bakemeza ko bafise ingorane ijanye n’ubukene bw’imbuto z’ibigori ,aha bakagira bati .’’Naho turiko turarima nukuri ubukene bw’imbuto z’ibigori n’ikibazo gikomeye cane.’’ Nk’uko vyemezwa na N.F.

Abo barimyi bemeza ko n’iyo binanase bakaja kuzigura ku masoko basanga ikiro kizimvye ivyo navyo bakerekana ko bibavuna .’’Ubu aho tugeze n’uko ugize ngo uri nanase ugiye kw’isoko kurondererayo imbuto z’ibigori,igiciro kivuna pe.’’Ibishikirizwa na E.G.

Abo barimyi basaba Reta  ko yobaronsa izo mbuto ,canke ikabaha uburenganzira bwo gutera imbuto zivuye kuvyo bimbuye.S.G.agira ati ,’’ Jewe nukuri nsaba Reta kuturonsa imbuto mu maguro masha ,hamwe naho zobura ,nitwemerere twikore ku mbuto twabitse ’’

Mu kiganiro yatanze ariko ashikiriza ibijanye n’irima riheruka ,n’iryimirije kw’igenekerezo rya 8 ruheshi umwaka wa 20124,umushikiranganji w’uburimyi yari yashimye utwigiro twagiye turakorwa na Reta na cane cane mukuzana imbuto zivuye hanze kugira ntihagire ivyononekara ,Prosper Dodiko yari yanijeje ko n’ubu Reta izokora ibishoka vyose kugira abarimyi bakore bagononokewe mukubaronsa imbuto n’ibindi vyose bikenewe ku gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687