BurundiFeaturedIKIRUNDI_newsUncategorized

Ni umubabaro mu muryango wa Chanjo Amiss basubiye kuja mu Kigandaro

Sekirima Ramadhani yari umudandaza akomeye cane mu ntara ya Ngozi, aho yifadikanya n’abandi barwizatunga bo muri iyo ntara bakaja kurangura Inka mu gihugu c’Ubuganda bazina mu Burundi, neza na neza mu ntara ya Ngozi.

Sekirima yavukana n’umuhisi Chanjo Amiss ku ruhande rwa nyina amuvyara,
ni nawe yaguyeko uwo muririmvyi (Legend) yakoreye i gihugu ciwe mu ku kimenyekanisha mu makungu, abicishije mu ndirimbo ziwe, zirimwo ubutumwa bukiza imitima ya benshi.

Igihe Amiss yari akitswe n’amagara Ramadhani niwe yamusanze aho yari arwariye muri zone ya Buterere, nayo aravye uko yari ababaye cane yahisemwo gukuramwo intebe mu muduga wiwe amuryamikamwo baca bafata iyi baganisha i Ngozi kubitaro vy’i kiremba, aho yamaze imisi 4 aba aritavye Imana.

Kuva 1996 Chanjo Amiss yitavye Imana,
Ramadhani niwe yaciye aguma ari hafi y’umuvyeyi wabo ariwe Nyina abavyara.

Kuri uno musi igenekerezo rya 8/5/2021 niho twumvise inkuru y’umubabaro yuko Ramadhani nawe yitavye Imana afyuye asize abana n’abuzukuru,
twibukanye ko igenekerezo rya 10/4/2021 yari aheruka i Bujumbura we na mushikiwe guhimbaza imyaka 25 irangiye incuti yabo Chanjo Amiss yitavye Imana.

Indundi Magazine ikaba yifadikanije n’umuryango wabuze muri bino bihe bitoroshe .

Mushobora gukurikirana kahise kiwe hano:

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320