Entertainmenthomepage

Pacifique Nininahazwe yoba ariwe Muhuza Big Fizzo na DJ Paulin bakeneye?

Ca Kibazo Kiri hagati ya Big Fizzo na DJ Paulin, gisubiye Kandi guhindura isura. Kuko hampande y’uko Ishirahamwe ry’aba Metis mu Burundi ryabishizemwo ikirenge, ubu naho Bigiyemwo Pacifique Nininahazwe.

 

Uwo Mugabo ari mu batwara amashirahamwe akomeye adaharanira inyungu za Politic, ariko we akorera hanze ya Africa, Yabandikiye ikete ryuguruye aho abagarukako bompi uko ari babiri.
Pacific Nininahazwe yatanguye kubereka ko badakorera musi y’urujo, kuko ibikorwa vyabo bikunzwe Kandi bifise ico bimariye igihugu n’abarundi muri rusangi.
Yongera abereka urukundo bakundwa n’umuryango wiwe cane cane ko Indirimbo za Big Fizzo ngo arizo akoresha mu Kwigisha abana biwe ikirundi, kuko amajambo aririmba anyaruka gusubirwamwo n’abana biwe.
Kuri DJ Paulin, Pacifique yavuze ko nawe yakunze uburyo yagiye agwanako umuziki w’uburundi, anavuga ko yahagaze rugabo mu gihe igihugu cariko kibonwa nabi mu makungu , ariko akazana abanyamahanga mu gihugu, kubakoresha ibiteramo kugira bikunde umunezero ugume usasagaye mu gihugu.
Pacifique yavuze Kandi ko DJ Paulin yamwigishije ibintu bikomeye, kuko ngo yamwibukije ko Democratie ari ukwemera ivyiyumviro vy’uwundi naho mwoba mutabihurizako.
Kuri abo bose yavuze ko bose banyereye ku rurimi, Kandi ngo bibaho mu buzima bwa misi yose ngo nawe nyene hari igihe bishika akanyerera.
Pacifique yavuze ko Big Fizzo naho yatwawe n’agashavu ngo atari gukoresha akajambo umudimudimu kuko iryo jambo ryibutsa abatari bake ijisho ritari ryiza barabwa n’abandi barundi, kuko ngo ku bakoroni abazungu babonwa nk’ibihume, ngo n’abana babavutse n’abo babonwa uko nyene, icaca gituma ikibano kitabaraba ryiza. Ico gihe rero ngo yakoresheje iryo jambo ngo yasa n’uwubasogose inkota, y’aba DJ Paulin co kimwe n’abandi bose bameze nkawe.
Ariko na DJ Paulin nawe nyene ngo ntiyabaye mweranda mu kiganiro yakoreshejwe na Hosy irakoze, naho intumbero itari mbi. Pacifique yavuze ko ugukoresha ijambo Odeur mu gifaransa, risigura Ukunuka mu Kirundi, ngo Kuri bamwe babifata nk’igitutsi kuko bumvamwo ugusuzugurwa, kubera indyane igihugu caciyemwo.
Pacifique Nininahazwe yibukije DJ Paulin ko kurya yababaye bamwise umudimudimu, ngo ari nako n’abandi yababaye bumvisemwo ijambo IGIKAKWE mw’ijambo Odeur we yavuze.
Ico y’aba DJ Paulin canke Big Fizzo basabwe bose ngo n’ugusabana imbabazi, ariko ikirengeje ngo baramutse babikoze bagaca bakora ikiganiro kugira basabe ikigongwe abarundi bashitsweko n’ivyo bashikirije, ngo vyoba biryoshe cane.
Iyo ntambwe ngo barakwiye kuyitera bakarengera ibibi bigize imisi bibaca mu matwi, kubera ibigize imisi bivugwa. Bikenewe ngo bakaraba bakarondera umuhuza kuko batabuze umugabo w’ijunja n’ijambo bahurijeko.
Ico gikorwa ngo nibagikora bazoba beretse akarorero keza abarundi, ariko Kandi ngo bazoce bafata akanya bavunire akagohe abarundi basubiramwo ayo majambo, babumvishe ko atari meza kuko ngo abandanije yohava abiba urwanko mu barundi.
Ako kamo abo bose uko ari 2, bakaba atari irya mbere bagatewe, ariko hakibazwa nimba abo bagabo bazohava batera intambwe kuko bivuzwe n’umuntu akomeye, kuko abatari bake bahora bavuga ko ibishikirizwa n’abari mu muziki bidashikira abo hejuru bafata ingingo mu gihugu.
Naho ugushaka kwohaba, ugusabira ikigongwe hamwe bikaba bitazokworoha mu gihe Big Fizzo ari i Buraya nayo DJ Paulin ari i Bujumbura.
Ariko Vuba muri uku kwezi Kwa 5, abo bagabo uko ari 2 bakaba bazohurira I Buraya, aho Drama T azoba aramutse akorera igiteramo mu Bubirigi no mu Bufaransa. Kandi Pacifique Nininahazwe nawe asanzwe abarizwa I Burayi, Kandi abakunda bose.
Ikibazo rero twibaza ni ubwo uwo mushingantahe ashobora gutuma abo bagabo 2 batarabaza ryiza muri ino misi bahuza, ntashobora kozoba ari Pacifique Nininahazwe nyene?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707