homepage

Primus ligue : Imirwi ya mbere igiye kudugirizwa agashirukabute

N’ingingo yafashwe n’inama ya bose yabagize ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ,inyuma y’inama yabereye k’umurwa mukuru w’intara ya Ngozi kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi umwaka wa 2024.Iyo ngingo ikazotangurana n’ihiganwa ryo mu gice ca primus ligue c’umwaka uza.

Nk’uko vyashikirijw n’uwurongoye ishiramwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB inyuma y’iyo nama ya bose yariko ibera mu ntara ya Ngozi kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi umwaka wa 2024,Alexandre Muyenge yashikirije ko kuva mu mwaka w’inkino wa 2024-2025 umurwi uzotahukana igikombe ca Primus League uzoronswa imiriyoni mirongo itanu ( 50.000.000fb) .

Umukuru wa FFB arongera akavuga y’uko kuba bongeye amafaranga bidasigura ko bazobadanya bongera bizovana n’ingene ubutunzi buzoba bwifashe muri iryo shirahamwe ry’umupira w’wamaguru .
Agashimwe k’umugwi wa mbere muri Primus League kavuye ku Miriyoni (35.000.000fb ) kaja Ku miriyoni mirongo itanu ( 50.000.000fb) .

Umugwi wa mbere muri Primus League uzohabwa agashirukabute kangana n’imiriyoni (50.000.000fb), umugwi wa kabiri uronke imiriyoni ( 40.000.000fb) , umugwi wa gatatu uzohabwa imiriyoni ( 35.000.000fb) ,nayo umugwi wa kane uhabwe imiriyoni ( 30.000.000fb).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686