homepage

Rukiya Bizimana,umukinyi mwiza yaranze ihiganwa rya Lumitel women’s League 2023-2024

Mu birori vyo gutanga ubushimwe ku bakinyi n’imigwi yigenjeje neza mw’ihiganwa ry’abigeme ,vyabereye ku kigo c’ubuhinga CTN kiri mu Ngagara, Bizimana Rukiya niwe mukinyi yatowe yigenjeje neza mw’ihiganwa rya Ligue féminine Lumitel mu mwaka w’inkino wa 2023-2024.

Muri ivyo birori, hatanzwe n’ubundi bushimwe butandukanye harimwo nk’umunyegori yatwaye neza uwo nawe akaba ari Umunyegori asanzwe asamira mugwi watwaye igikombe PVP Buyenzi akaba azwi kw’izina rya Adidja Nzeyimana, agashimwe k’umukinyi akiri muto kakaba Lahayi Loyi Nzoyikorera asanzwe akinira umugwi Arena Stars wabaye uwa kane aho ni mu gihe uwahawe agashimwe k’umukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi katahukanye umukinyi akinira umugwi PVP Buyenzi Igirima Nicol Rehema.

Umwe wese muri abo bakinyi akaba yahawe akabahasha kamafaranga angana n’umuriyoni w’amarundi (1.000.000fbu) hamwe n’igikombe

Hakaba hatanzwe n’ubushimwe Ku migwi ine yambere,uwabaye uwa kane ariwo Arena Stars ukaba wahawe akabahasha kamafaranga miriyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu y’amarundi,uwa gatatu Fofila TG ukaba waronkejwe amafaranga miriyoni zitatu, umugwi wabaye uwa kabiri Buja Queen s ukaba waronkejwe miriyoni zitatu mugihe umugwi wataye igikombe waronse ico gikombe n’ibahasha ry’amafaranga angana n’imiriyoni indwi, amafaranga y’amarundi.

Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka n’abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi hamwe n’abaserukiye ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo inkino.

Inkuru Yanditswe de Vincent Nkunzimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686