Uncategorized

Sat-b ngo ntakwiriye Awards zo muri Afrima

Naho Sat-b we yashize aho intahe ishize, agasaba n’abafana kumushimira intambwe yabashije gushikako, Ismail Niyonkuru we abona ko uwo muririmvyi ngo ikimubereye ari amahiganwa ategurwa na Dj Pro, na Nyumbakumi wo mu kanyosha atazi.

Bizimana Aboubakar Karume ati :”reka nshire aho intahe ishize, kuko arya ari amahiganwa y’abantu bakomeye.” Ivyo ni bimwe uwo muririmvyi yashikirije kuri uyu wa mungu ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, inyuma y’ukutabona ikibanza ciza mw’ihiganwa Afrimma.

Uwo muririmvyi muri ubwo butumwa akaba yaronse akaryo ko gukeza umuririmvyi Rayvanny yatahukanye ikibanza ca 1 muri uwo muce yari arimwo.

Aboubakar akaba yanaboneyeho akaryo ko gusaba abafana kwishimira iyo ntambwe abarundi bagezeko yo gushirwa mu mahiganwa nk’arya, akaba anavuga ko ahubwo yari akwiye gushigikirwa kuba yabaye uwa mbere abonetse mu mahiganwa akomeye nk’arya.

Sat-b yagize ati :” Ndakeje cane umuririmvyi wo mu gihugu ca Tanzania, Rayvanny, mu gutahukana agashimwe mu gice ca East Africa. Nongeye kandi gutumirira abarundi kwishimira iyo Nomination. Harya ni mu kibuga c’abakuru, i bukuru. Kuhakinisha si bwabwana. Ndashimiye abarundi bose bagize akigoro bakantora, Uburundi muri Afrima muri Intwari.”

Uwo muririmvyi akaba muri ubwo butumwa yongeyemwo akajambo ngo TUBE ABANTU NTITUBE IBIGURUBE,ako kajambo akaba yagashize musi aho kaherekeje ijambo rya Menya neza rikunze gukoreshwa kugira babwire abantu babe maso.

Ismail Niyonkuru akaba ataretse kugira ico abivugako, aho yanditse ku rubuga rwiwe rwa Instagram ko Sat-b ataragera ku rugero rwo kuja mu mahiganwa nk’arya ya Afrima, ahubwo we akaba yavuze ko amahiganwa akwiriye Sat- B ari amahiganwa ari ku rwego rw’ayategurwa na Dj pro, ngo amahiganwa atagira na Facebook Page.

Ubwo butumwa bukaba buje inyuma y’imisi yemeje ko ata kibazo c’itike y’indege afise yo kuja mu birori vy’itangwa ry’agashimwe muri Amerika. Mu nyuma yahavuye avugisha benshi aho yararamutse abwira abafana biwe ko afise ubwoba bwo kuzozimirira muri Amerika.

Ubwo butumwa bwo kuzimira bukaba bwakabuye abatari bake mu bamukurikirana ku rubuga rwa Facebook, aho abatari bake bamubwiye ko babizi neza ko yoba ariko ategura kutazosubira kugaruka mu gihugu aramutse ashitse muri ico gihugu gitwarwa na Joe Biden.

Sat-b akaba yagumye avugisha abatari bake ku vyagumye bivugwa kuriwe kuva hamenyekanye ivy’ubushake bwiwe bwo kuja muri ivyo birori.

Ku bibuka, n’uko yanavugishije benshi, aho yavuga ku bijanye n’ugushaka gusaba ingurane muri banki ngo afate urugendo yerekeza muri iryo higanwa. Bamwe barimwo Ismail Niyonkuru uno musi abarizwa mu bufaransa akaba yavuze ko bidashoboka ko ahabwa ingurane kugira afate urwo rugendo, kuko uwo muririmvyi ngo adafise uwomuvugira, canke ico atanga ngo agende gusaba ingurane.

Mu bibuka ikiganiro Sat-b yakoranye na Alan the real yagarutse ku kababaro yagize aho yabwirwa ko igihugu c’Uburundi kitagira n’urukoroka categuriye abaririmvyi baja mu bikorwa nk’ivyo, kuko abafata iyo nzira ngo baharurwa ku ntoke.

Si ico gusa uwo muririmvyi yamenyesheje ko ubwo buryo bwari bukwiye kuboneka kuko abaririmvyi nabo bari mu gitigiri c’abafasha igihugu kugira kibashe kumenyekana. SAT-B akaba yatanze akarorero ko aramutse afashe ikibanza ca 1, ngo igihugu cohungukira vyinshi cane.

Sat-b abajijwe igituma we atiyumviriye gukora mu mufuko ngo yirihire itike y’indege aje muri ayo mahiganwa, uwo muririmvyi akaba yavuze ko kuko ari umudandaza ngo hajamwo ibiharuro vyinshi.

Sat-b akaba yabanje gushira imbere amafaranga angana n’ $12,000 aho yavuze ko ariyo mafaranga asabwa ngo abashe gufata urwo rugendo. Sat-b akaba yavuze ko ibiharuro bikiriko birakorwa ngo hamenyekane nimba aramutse asohoye ayo mafaranga yababa imiliyoni 36 z’amafaranga ya hano iwacu, yohava abasha kuyagarukana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55