groups-at-messageInkino

Sports | Ikibuga Taifa citiriwe izina ry’umuhisi Benjamin Mkapa 

 

Umukuru w’igihugu ca Tanzania John Pombe Magufuli yavuze ko ikibuga c’igihugu ca Tanzania kizwi nka uwanja wa Taifa kigiye kwitirirwa izina ry’umuhisi Benjamin William Mpaka yigeze kuba umukuru w’igihugu ca Tanzania .

Ivyo Magufuli yabivugiye imbere y’abanyacubahiro batandukanye ndetse n’abene gihugu igihe bariko basezera ubwanyuma umubiri wa nyakwigendera Ku kibuga c’umupira w’amaguru citiriwe  Uhuru kiri I Dar – es salaam .

 

Nubwo umuhisi Mkapa atakunda kwiyitirira amazina yiwe ibikorwa yakoreye igihugu, bakaba bashimye kukimwitirira kugira bazohore bamwibuka ku bikorwa bikomeye yakoze kugira inkino zitere imbere  muri Tanzania .

Mwomenya ko ico kibuga catanguye kwubakwa ku burongozi bwa Mukapa mu  mwaka wa 2003 .

 

Mukapa akaba yashinguranywe iteka kuri uyu wa Kabiri igenekerezo rya 28 Mukakaro 2020, aho yavukiye i Lupaso .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 23