Uncategorized

Ukuvyara kwa DJ Alida, vyamuviriyemwo inzira y’agakiza

Nirere Marie reine Joetta , umwana Imana yahezagije Dj Alida ngo yabaye ingabire ikomeye kuriwe, kuko yamubereye urukiza rukomeye kuko yaragize igihe ari mu bibazo n’umuryango wiwe.

Mu kiganiro na Magic Chanel Tv, uwo mwigeme asanzwe akunzwe mu kuvuza umuziki yavuze ko imbere yuko atwara inda, ngo umuryango wiwe warugize igihe umwinuba kuko wamwibazako ko yoba ari muri bamwe baryamana basangiye ibitsina (Lesbiennes).

Umuzo w’uwo mwana, Alida avuga ko wamufashije kugira abahume amaso, kuko ivyo bamwibazako igice kinini vyarivyo. “ Habaye ibintu 2, narababaye ariko uwundi mwanya ndaryoherwa, ndavuga nti Mama yahora amfatana n’abakobwa, atangura kumbwira uri umu Lesbiennes, nyene mu muryango bakangirako Homophobie imwe yaka, numva umengo nokwiyahura. Ariko maze kuvyara ndavuga nti ndabahumishije, nce nisubirira muri za ngeso zanje.”

Muri ico kiganiro, Alida yanavuze ko ata mugambi afise wo gukora ubugeni, kuko kanatsinda n’abamurondera ngo ntibashobora guhuza kuko uburyo yibereyeho ngo nta muhungu bohuza. “Barahura n’ingaruka kuko imisi yose ndababwira nti jewe nawe ntitwoshoborana. Kuberako ndi imborerwa, nkunda umuziki, nkunda umwana wanje, kandi ikindi naco wewe bimaze guhuragura, jewe bigahuragura, turagwana tu.”

Uwo mwana yahezagijwe ngo n’umunyarwanda yuzuye, kuko yavutse kuri se w’umunyarwanda kandi nawe n’umunyarwanda, kuko afise umuvyeyi umwe w’umurundi uwundi nawe n’umunyarwanda.

Mwomenya ko uwo mwigeme aheruka gutsindira ikibanza ca 2 mw’ihiganwa ryahuza aba DJ muri Afrika y’ubuseruko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55