BurundiIKIRUNDI_news

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, Diaspora y’Uburundi iriteguriye kumwakira i Buraya

Inyuma y’imisi mike cane igihugu c’Uburundi gikuweko ibibano cari cafatiwe n’ibihugu bigize umugabana wa Buraya, Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yamaze guhezagira ayo marembo yuguruwe.

@yaga

I Buruseri mu Bubiligi akaba ariyo Sebarundi yerekeje mu rugendo yatanguye ku muhingamo wo kuru uyu wa kabiri igenekerezo rya 15 Ruhuhuma, agiye mu nama ihuza ibihungu bigize ubumwe bwa Buraya n’ubumwe bwa Africa izoba kw’igenekerezo rya 17 na 18 Ruhuhuma.
Muri diaspora y’Uburundi bakaba bakiranye amaboko n’umutima uwo muzo ndetse baca bategura kumwakirira i Burayi iyo basanzwe barangurira imirimo yabo.
Ivyo bikabonekera mw’itangazo ryashizwe ahabona n’uwurongoye Diaspora ndundi, Eric Niragira, aho atumirira abarundi baba kuri uwo mu gabane gusidukana n’iyonka kuza kwakira Nyenicubahiro.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 276