homepagesociete

Umukuru w’Inama nkenguzamateka yashikirije iciyumviro c’iwe

Ukubuza ko ama moto n’ama bajaji ashika mu gisagara hagati n’ingingo yafashwe n’abahinga kandi kuva ifashwe hari ibintu vyahindutse. Mu kiganiro c’urwego nshingwabikorwa rwa Reta cabereye k’umurwa mukuru w’intara ya Makamba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ko irya ngingo izoheza igasubira gufatwa hakoreshejwe ubuhinga .

Ku ciyumviro cashikirijwe n’uwurongoye inama nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera c’uko ama moto, amakinga n’ama bajaji yokwinjira mu gisagara hagati, umushikiranganji Martin Ninteretse avuga ko ari ingingo yafashwe kubw’umutekano wo mw’ibarabara.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Martin Niteretse arongera akavuga ko iyo ngingo yafashwe bivuye ku vyigwa vyakozwe n’abajejwe umutekano ku ruja n’uruza aho vyaboneka ko amasanganya yo mw’ibarabara menshi aterwa n’uko ivyuma vyabaye vyinshi mu mabarabara bigatera amasanganya mbere n’abagizi ba nabi bakavyifashisha.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga kandi ko n’izo piki piki n’ama bajaji binywa igitoro arico gituma bahisemwo gushira imbere imiduga yunguruza abantu rusangi kwariyo iheza ikanywesha ubwa mbere Kuma sitasiyo .

Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca amwunganiye yagize ati ivvyashirijwz c’umukuru w’inama nshingamateka si itegeko yashikirije iciyumviro nk’uwuserukira abanyagihugu. Aha kandi aranavuga kandi ko ingendeshwa zinjira mu gihugu ari nyinshi bigatuma ibikenerwa navyo vyiyongera .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687