BurundiIKIRUNDI_newsSport

Umwana yavutse yiswe Griezman Mbappe

Abafana ntaco badakora ngo bagumane abakinyi bakunda hafi yabo.

Umuryango wibarutse umwana mu ntango z’uyu mwaka wa 2022 bamuha akazina kagizwe n’amazina y’abasatirizi 2 bo mu bufaransa.

 

Griezman Mbappe Niko kazi kahawe umwana yavutse igenekerezo rya 1/1/2022 isaha zitatu z’ijoro muri Centre de Sante y’ahitwa Atacama.

Iryo zina ryemewe rikanashimwa n’abagize iyo Centre de Sante iri muri Chili nkuko bavyerekanye kuri Twitter yabo, ryari ryahagaritswe haraheze imyaka 3 mu bufaransa Aho uwundi muryango wari warashatse kuryita umwana wabo, ariko bararibankira.

Inyuma yaho Umushikirizamanza mukuru abwiriwe ivy’iryo zina, yahavuye yitura ubutungane nabwo bwankira uwo muryango kwita umwana wabo iryo zina, baca bahitamwo kumwita ” Dany Noe”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 276