Uncategorized

Urwevu| Akagaye ntawe kereye!

Isanamu ngereranyo y’umuntu ariko yiyumvira.

Nyuma y’ugusoma , twongera twisubiriza igitabo canditswe n’umuhumure NAHAYO Firmato, hano twari dushimye kugaruka kandi ku bijanye n’akagaye. Aha rero umuntu yokwibaza ati mbega akagaye n’iki?

Nk’uko twabibonye, akagaye kabonekera mu nyifato tugira y’uguca imanza zihuta, maze bino tukavyita biriya. Inyifato duheza tukagira ica ifitanira isano rikomeye n’imanza twaciye.

Iyo rero akagaye tugatumbereje ku muntu, turaheza tukamucira urubanza rwihuta rw’uko ataco amaze , maze kuri iyo mvo nyene, tugaca dufata ingingo y’ihuta y’uko atan’uwomuha  n’agaciro. Ivyo avuga, duca dusanga bitagira mvura, iyo anagize Imana tukanavyumviriza. Ni nk’akurya uza wumva tuvuze, ngo ” Umve ivyo adebagura!

Hari n’aho bishika Umuntu tukamugayira ku mugaragaro, ugasanga nk’umuntu arasavye ijambo bakarimwima, canke nk’iyo barimuhaye naho, bakarimwaka atari bwanaheze. Bakamugoboza ijambo.

Inyifato nk’izo hamwe n’izindi zinyuranye nk’uko muzobisanga muri ako Gatabo kitwa ” “Akagaye ntawe Kereye” , umuntu ashaka guhimbara Imana yozirinda. Umuntu wese , uko ari kwose, mu buto bwiwe, mu mukene bw’iwe, arafise agaciro ndemanwa atacoza kikamukurako.

Uwo ugaye, uba umubereye inzitizi mu buryo bw’impwemu. Abahinga baratohoje basanga ko, uko ubwonko bw’umuntu bwigenza birafitaniye isano n’uko abandi bamufata. Uzoba ukoze igikorwa kikomeye kandi uzohererwa impembo mu kiringo uzoza uratera intege umunyentege nke, Bikunaniye kumutera intege, uraheza ugerageze kwinumira kandi umurabe neza, uzoba naho nyene umufashije.

IMANA IKUNDA ABAKUNDANA.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55