UncategorizedUrwevu

Urwevu: Birashoboka, c’est possible, it is possible!

 

Ku rugendo  ruja i Yerusalemu…

Birashoboka ko dutanguye urugendo ruja muri  ca Gihugu Umukama yadusezeranira, ca Gihugu kizoba gitemba amata n’ubuki.

Muri ico Gihugu c’isezerano benshi bazoba bubaha Umukama, ntawuzoba akirya urwara uwundi. Umwami ntazoca urubanza aravye igihagararo, canke ngo ashinge ingingo ifatiye ku mabwire.

Ibingira izobana n’umwagazi w’Intama, ingwe iryamane n’umwagazi w’impene , ikimasa n’ikibuguru c’intambwe bizorisha hamwe biragirwe n’umwana mutoyi.( Izayi 11)

Umkama azokiriza ikimenyetso imbere y’amakungu , atororokanye abari baciwe muri Israyeli , azokoraniriza hamwe abari bashwiragiye mu Buyuda, abakure mu mihingo yose y’isi.

Umwami azoshunguruka nk’akavura  aho batemye ubwatsi, amanuke nk’imvura ivomera isi.

Mu gihe ciwe ubutungane buzoshurika , amahoro asasagare gushika aho ukwezi kuzozimanganira. Azoganza kuva kukiyaga gushika ku kindi, kuva ku ruzi gushika ku mpera y’isi.

Ababa mu bugararwa bazokwikubita hasi imbere yiwe, abansi biwe barigate ivu…

Umwami azokiza umukene amutabaza, n’umurushwa atagira gifasha.Azogirira impuhwe umworo n’umukene kandi azorokora ubuzima bw’abakene. Azobakiza agahotoro n’umukazo, amaraso yabo azogira agaciro mu maso yiwe.

Hazoba ingano nyinshi mu Gihugu, ku mataba y’imisozi, umuyange wazo uhungabane nka Libani, ababa mu gisagara bashurike nk’ubwatsi kw’isi.

Izina ryiwe rizokwamaho na ntaruyo, izuba ryiwe rizoramba nk’izuba….( Zaburi 72)

Umwami azokubakira Umukama  ingoro y’urutare kubera azokwizera abamukikije  b’abubatsi bayoboka umukama.

Ku rugendo ruja i Yerusalemu…

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 67