Uncategorized

Urwevu: Igiti kigwa iyo gihengamiye. Inzitizi yawe yitwa ” Wewe”

None rero aho wari uzi ngo uwo mugani uvuga ibiti gusa? Haba na mba! None na ba Sokuru barayamaze kandi bati ” Umugani ugana akariho”.

Raba uko uhagaze uwu musi. Raba uko umeze uwu musi. Raba ivyo urimwo uwu musi, hanyuma gutyo uzoca umenya uko uhengamye mu buryo bw’impwemu. Urakenye ? Ni ukuvuga ko iyo nyene ari yo uri. Uhagaze neza? Iyo nyene uri niyo uri.

Aho uri, ni ho uri! Nta kundi. Ba sokuru kandi bavuze bati ”ntawuhomera iyiyonka”. Raba uko uri, gutyo uca umenya uko uhengamye. Uca umenya iyo uhengamiye.

Kumenya iyo waguye, bigutera kumenya iyo wari uhengamiye. Ukumenya iyo wari uhengamiye navyo bigutera kumenya ko wari uhengamye. Kumenya ko wari uhengamye na vyo bigutera kumenya ko utari uhagaze neza. Iyo umenye ko utari uhagaze neza naho , noneho , iyo niyo ntumbero y’ugukira. Ba Sokuru ntibayamaze kandi bati ” Uwuza gukira ingwara arayirata?

None woheza ugakira gute ingwara utemeye ko uyirwaye? Maze nyabuna riko ukihutira gutanga imvo wibaza ngo zoba zarabitumye ,ukaguma ukikitiriza wanka kudomako ko ari wewe nyene wavyiteye, naho utoba wabigize ibigira nkana.

Umugabo yitwa RYAN HOLIDAY niwe mu gitabo yanditse citwa ”EGO IS THE ENEMY’‘ yamenyesheje ko, ingorone ya muntu ari we nyene. Umuntu niwe ashobora kuba inzitizi yiwe nyene. Ivyo biri uko kubera ico bita ”EGO” kimwe kitubuza kwimena ibihute, kugira twoye guhava twibabaza. Ni ako gahinda katubamwo gaheza rero kakadutuma twama twitera ikigongwe nk’abigorewe, maze gutyo bica bisasira indava ubukene. None ntimwibuka ko ba Sokuru bateba bakavuga ngo naka ” Yaratunye buratondera”.

Ubwo butondera ni ubwo bujambo butagira agaciro canke mvura, buheza bukaza buraza mu bwonko bw’umuntu kumuhebuza ko ata n’akamaro k’uko yogerageza kuko ata kamaro, maze gutyo agaheza agaca afata inyifato y’umutsindwa ( Vaincu). Iyo rero noneho umuntu arushirijeho kwemera ko kamubanye, nya bwayo buraheza bugaca buba bwinshi.

Mu gitabo citwa ‘One Minute Millionaire ” canditswe n’abagabo babiri bitwa MARK VICTOR HANSEN na ROBERT G.ALLEN. niho, kuri page 33 bavuga ko hari umuntu yari yise ayo majwi atubwiriza nabi ” Yabut” . Ngo mu gihe cose yiyumviriye imvo nzotuma atokora ikintu yaraheza ngo agaca atora inkoni akikubita. Ivyo kandi rero ngo bikaba vyaramufashije.

Tora nawe inkoni uheze uze urishishura igihe cose wisanze uriko wiyumvira ibizogutera kugwa.

N.B . Nk’ibi bitabo mvuze none ubirondeye ukabisoma woheza ukaba iki?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55