Uncategorized

Urwevu: Kuri wewe umunezero ni iki?

Isanamu ngereranyo y’umuntu ariko yiyumvira

Vyogora gushoka umuntu agira ngo yoba asakuje uwovuga atarya umunwa ko benshi  aha kwisi turondera umunezero yamara tutazi n’ico umuzeo uri!

Burya rero ngo , abahinga bamaze kubica irya n’ino bahavuye basanga umuntu wese afise ikintu kimutuma kugira inyifato ino canke iriya. Kanatsinda rero ko tutaremye kumwe, n’ibituma tugira bino canke biriya ntibiheza ngo bibe bimwe.

Yamara , hejuru y’imvu umuyoro ziri inyuma y’inyifato zacu zinyuranye, abahinga baravyihweje basanga muri rusangi ngo ibintu vyose umuntu akora abikoresha n’ukurondera umunezero.

None umunezero ngo yoba ari iki?

Twegeranije ibintu vyinshi abaciye urwevu imbere yacu bashikiriza, turaheza tugasanga hari ico bahurirako bita ko ari wo munezero ku muntu wese ari muri runo rugendo aha kwisi.

Umunezero rero ngo ni ukubaho ubuzima, maze wumva ko ari wewe ubufise mu minwe. Ni ukubaho wumva nk’uko woba uri mu modoka ari wewe nyene uriko uritwarira. Ni ukumva ko ufise ibintu mu minwe, maze ukaba wumva muri wewe ko ibigushikira vyose ari wewe nyene uba ubifisemwo uruhara, ivyo bigaheza bigaca bigutuma rero ubaho ubuzima butagira imyidogo.

N’ayo ubuzima bunyuranye n’umunezero bwobwo ngo ni ukubaho maze ukumva(perception) umengo uriko urabaho nka kurya k’uwuriko aratwarwa n’uruzi, maze ukabaho wumva ko , ibihuhusi vy’ubwoko bwose bitobura kworoherwa mu kukwiremeka kuko , no mu bwiyumve bwawe wumva umeze nk’uwuhwahutse nk’iragarira. Gutyo rero uraheza mbere ugaca wama umeze nk’uwurikanuye, ukarara ntibuca nk’uwuri mu ntambara,  na narirya  uba waribwiye kandi ukiyemeza ko atanicokurondera ngo kikubure( Ni hamwe hava ya mazina batwita nka” NTAKAMURENGA”).

None kuri weho, umunezero ni iki?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55