Uncategorized

Urwevu : Menya ivyahishuwe ku mivumo, gutyo ubone kuzokwishikira mw’Isi y’isezerano.

TWESE TURI ABANA B’IMANA DAWE WA TWESE  IKUNDANA KANDI NTA GORIATI N’UMWE TUTOTSINDA TWIFATANIJE N’UMUREMYI.”

Nk’uko tubandanya tubibona, imivumo rero iba yarabaye ku miryango, iraheza igaca iba nk’umuryango wuguruye , maze inguvu zo mu mwiza zicamwo gutyo zikaza kugutera ibibazo.

Hagarara neza urabe, urashobora gusanga, ingorane muriko muracamwo zisa n’izo abandi bose b’iwanyu bagiye baracamwo. Urashobora kuraba ugasanga, mu muryango wanyu, nta n’umwe akora urudandazwa ngo aheze atere imbere. N’ukuvuga ko  nyavyayo bihengera iyo umuntu ageze aho atera imbere, hagaca haza ikintu kibisubiza inyuma bukwi na bukwi! Ashobora gupfungwa canke mbera n’uguca ahasiga agatwe akahagasiga.

Mu yandi matahoza twagize anyuranye, twarasanze hari ibindi vyinshi bikwereka ko hashobora kuba hari umuvumo mu muryango wanyu. Aha twomenyesha ko kenshi tutabica n’ikanda kuko ,usanga ari ibintu bishikara benshi, maze n’abazungu bakaba barihutiye kuvyita amazina , bagaca batubasha imiti igurwa ibitagenda kenshi nayo nyene iruhira kudusiga ku kangaratete! Umuntu akazokwama ariko aramira ibinini vy’ugusinzira kugira atore agatiro , kandi mu kurema umuntu Imana yaramuhaye nyabuna  ngo aheze abone  kuruhuka.

Urwo rwevu nyene rwaduteye gutahura igituma nyamukuru, impwemu zo mu mwiza zidutera , ahanini tukaba twasanze ari ukubera ishari, agashavu Setani yamwe agirira umwana w’umuntu aravye ukuntu Imana yamukunze ikamuremana ishusho ryayo; ikamuhunda imihezagiro, ikongera ikanamukunda gushiko irungika umwana wayo w’ikinege akaza gupfa kumusaraba i Gologota.

Nta kindi rero na cane cane kibituma atari isezerano Imana yagiriye abantu, kubera urukundo idukunda,  iryo naryo rikaba riri muri Izaya 61:7

Aho mwari mwarateterewe, muzotorana kabiri. Aho bari bagize isoni, bazovuza impundu mu kubona intoranwa yabo. Ni co gituma bazotorana kabiri mu gihugu cabo, kandi baronke akanyamuneza kamaho”

Ng’ibi rero ibikoreshwa bikomeye kugirango ntuje mu bazotorana :

 Ubunebwe buvuye ku ngwara zo mu mutwe.

Aha rero mu gutera abantu mu ingorane zo mu mutwe , intumbero ni ugutera uruhumyi, umuntu adebukirwe, abeho ” Ashishwe” maze gushika aho umubwiye ivy’Imana aheza akakuraba irarirari. Gutyo biraheza bikamwima n’ukugira agatiro, agaheza akama arushe, ntiyigere agira amaragamo , ntashobore kugira ico atanguye ngo aheze; eka mbere ukanamubona umengo akora cane mugabo waza kuraba umwimbu ugasanga si ikirenga. Biraheza rero bigatera ubunebwe mu buryo bw’impwemu( Burya umunebwe si umuntu adakora ikintu na kimwe, ni umuntu akora ivyo yishakiye gusa, akiyobagiza ivyo yategerezwa)

Imitego 

Iyi mitego rero ni ibintu biza cane cane iyo wagize intambwe, maze ukaba ufise aho umaze gushika. Intumbero y’iyi mitego ni ukugukurako agahuzu( kugutera isoni). Ibi birashobora gushikira abubatse hamwe n’abakozi b’Imana mbere bamwe bamwe. Baraterwa imitego bivuye mu buryo bw’impwemu( Complots Voir psaume 62) gutyo kugira mpaka uhanantuke uve aho hejuru wari warashizwe maze uhereze mu gusaza uri iciro ry’umugani. ( ibikoreshwa , canke abakunda gukoreshwa bwa kamashu sinorinda kubigarukako ndazi ko mubizi, uwutabizi nawe azobimenya. Ce urwevu gusa!}

Uguhemukirwa ( Déception)

Uzoheza ubone, abantu bavuga, ngo yemwe, bene naka , ingo ntiziberera! Mu kiringo rero uriko urondera uwo murushingana, ico gihe, iyo miyaga mibi irashobora guca igutumbereza ahantu hagoye cane, bikazoca bisa nk’uwutaye umutima ku rutare!! Mu kirundi baca umugani bati ” Hakuribwa mu nzu woribwa mu nda” . Kurya k’uwucumiswe n’inkota ikarihije habiri, ni ko nyene n’uwuhemukiwe n’uwo yakunda kandi yari yizeye ababara, kuko hejuru y’ukumuhemukira aba anamukuye agahuzu mu bantu. Urya mwafatanije kumuhemukira azohora amuraba amutwengere mw’ijigo.

Inyatsi.

Nya vyayo biraheza bikaba nk’ibintu vyama bitunye mu bwigobeko bw’inzu, bihanganye gusa ko hari n’urutete rw’ifaranga rwokurwa mu minwe. Abasuma mwumva ntimugira ni barya ba Rusenyanzu, tubonesha amaso gusa. Hariho ngo abasuma mu buryo bw’impwemu. Maze rero uraza urihweza neza, urashobora kuzobona ko, buri gihe cose urose agafaranga, haca haduka ibintu binyuranye bigushikira maze ukaruhira gusubira hahandi wahora. Canke urose agafaranga ugaca utangura kumegetwa, ukabura amaragamo mpaka ukazoza kuruhuka ar’uko arangiye.

Ngo biraheza bigaca vyigira mu nda ya ca gisato kivurwa muri Yobu 20:15

Abavyeyi badashikana.

Aha rero kandi murazi ko umwansi atohiyobagiza. Iyo mikoshi nyene iratuma abavyeyi bataronka ibibondo. Bamwe ntibabone n’iyikoroka abandi nabo; bakibungenga ntibashikane iyo batahanduriye ubundi bumura canke mbere bakanahasiga agatwe.

Imivumo

Ibi rero ni ibindi bikoreshwa kandi natwe twese ( Cane cane abavyeyi) bakoresha yamara mbere atari na nkana. Aha rero birashika, kubera imvo zino canke ziriya, umuntu aheza agasanga arashavuriye uwundi. Mu kiringo rero ushavuye, niho nya nguvu zo mu mwiza ziheza zikakuba hafi. Gutyo ugasanga umuntu aradutse ariko avuga imivumo, abwira abana ko ataco bazovamwo, canke mbere akavuma n’uwu bubakanye , ibitutsi bibi cane biba birimwo imivumo( Akamugereranya n’ibikoko bigayitse nk’uwibagiye akajambo bayaze)

Mbere nk’uwogomba akabivuga mu buryo bworoshe, burya igitutsi cose ni umuvumo. Abahinga babizobereye bamenyesha ko rero ngo Shetani aho ahakorera cane ( Uraraba ubukomezi buri muri urwo rurimi rwawe muri Bibiliya  ”Imigani 18:21)

Inkebuzo

Uhagaze, ugafata akanya ukihweza irya n’ino, uraheza ukabona ko ibihe biriko birahinduka kandi koko , ivyo umuntu yari yarubatse nk’ivyomukingira bishobora  kugera ngaho bikamusenyukana mu kanya gato, kuko biheza bigasa n’inzu yubatse ku mucanga ahanyerera. Igihe cose umuntu azokwama yibaza ko azogira inkinzo we nyene yiyubakiye n’ubwenge bwiwe, maze akibagira ko hari inguvu za Rugira vyose, hazokwama haza ibintu bimwibutsa ko, ari ubusa cane nkuko na bibiliya ibivuga iti ” Nkako bene Adamu ni ubusa gusa, abana b’abantu ni uruhendo; bagiye ku munzane bose hamwe basumvya impwemu guhwahuka”.(psaume 62:10)

None tworeka gusumbwa n’impwemu guhwahuka gute, na narirya haza akarwara ko mu mpwemu, kakadutera twese gufunga iminwa, nk’ikimenyetso kiva mu bwami bw’umwiza kigira giti: Nume! Ntidushaka yuko muryogora!!!

NONE TWOKORA IKI ?

Ukwambaza Imana ( Urutonde rw’amajambo y’Imana )

Icishimikizo rero nyamukuru c’ukurondera gukira ingwara dukoresheje amajambo y’Imana tuyikura muri Zaburi 107 :20‘ Yarungitse ijambo ryiwe arabakiza, abasimbisha icobo”

Abasokuru bayamaze bavuga bati ” Imiti ikora ikoranye”!! Naho woba uriko unwa iyindi miti, nticobuza ko ukora bino

Mu rwevu rero twaciye, twasanze hari urutonde rw’amazaburi umuntu wese yoheza akaza arazirikana mu ntumbero y’ukwiyegereza impwemu Yera y’Imana gutyo aheze agende aratora mitende.

Ni Izaburi : 41-03-62-81-51-63

Uze uzirikane ibi bikurikira:

1.Ubiravye neza izo zaburi zivuga zose ibijanye n’ibishikira umuntu aterwa n’iyo mivumo

2. Iciyumviro nyamukuru giseruka muri runo rutonde uraheza ukabonamwo, ikintu kijanye n’ukwihana.

3.nyuma y’ukuvuga zino psaumes woheza ugakurikizako isengesho rijanye n’ivyo usaba mw’Izina rya Yesu Christu, izi zaburi ni izitegura inzira mu buryo bw’impwemu gusa.

4.Uze uvuge izi Zaburi Zose uzirikana imihezagiro yose Imana yemeye Abraham: Ukumushira hejuru, Amagara meza; Ukurondoka; Inka n’ibibondo( prosperity),Intsinzi( Victory); Ubuntu bw’Imana ( Faveur divine); Ubugenzi n’Imana( Amitié avec Dieu) hamwe n’ibindi.

N.B.

Uzogumizeko, uko uzobigira kenshi niko uzoza uraronka umuco, kandi umenye ko utariko urwana n’abantu b’inyama n’amaraso, iyo uvuze abansi; uba uriko uvuga abansi bo mu mpwemu( les démons) kuko n’abo uvuga ngo ni abansi ubona n’uko hari abansi bawe bo mu mpwemu babatuma. Nico gituma Yesu Christu yavuze ati: Ni mubareke ntibazi ico bakora”! ABANSI BAWE SI ABO UBONA . NI ABADAYIMONI.

 

 

 

 

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55