BurundiUncategorizedUrwevu

Urwevu: Ni igiki coba catumye ba Sokuru bita ubwoko bumwe bw’inyoni ” Inuma”?

Ni kuki abasokuru bise ubwo bwoko bw’inyoni “Inuma”? ubwo nta sano bifitaniye n’ijambo ukunuma?

Komeza nawe wiyumvira! Iyo nyoni mu buryo bw’impwemu niyo bakoresha mu kugira kibe ikimenyetso ca Mutima mweranda. Mbega none ukunuma kwoba gufitaniye isano n’ubweranda?

Iyo nyoni kandi ni irakoreshwa bwa kigereranyo c’amahoro, amahoro nayo akaba kimwe mu vyama vyamuka kuri Mutima Mweranda. None ukunuma vyoba bifitaniye n’isano n’amahoro?

Muri za ndirimbo nziza z’akaranga kacu mpora n’umva harimwo amajambo batekerera umurondo ageze mu bigero agiye kwubaka urwiwe bakagira ngo ” uruhirora muyo.. mu rugo utabaye ma !

Abandi bafise ababanyi babatatira , babahanura bababwira bati, agashika mu rugo yarakaye , urashira amazi mu kanwa….

None abasokuru bakuye hehe iryo jambo kugira baryitirire inyoni isanzwe ikoreshwa mu buryo bw’impwemu nk’ikimenyetso c’amahoro? Yoba ar’uko yoba ari inyoni bihweje bagasanga iririmba gake? None coba ari ico nyene coba catumye no mw’ijuru bayifata nk’ikimenyetso c’amahoro?

Bimeze uko rero vyoca biza bisa n’uko , uko Imana yabonye inyoni y’inuma imeze ikayitirira amahoro, kwoba ariko nyene n’Abasokuru bayibonye bagaheza bagaca bakayitirira inyifato ( ku numa) ifatwa nk’isaso ry’amahoro.

Abahinga mu buryo bunyuranye, haba mu mpwemu canke mu bindi, baramaze kuza barerekana isano, canke ibigereranyo hagati ya Israel n’Igihugu cacu c’Uburundi. Na narirya tuno na turiya dutera tugenda kwerekana ukuri kurimwo, uwutokwihutira kuvyamirira kure ntiyoba yihenze.

CE URWEVU!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 324