Uncategorized

Urwevu. Ugurura imiryango y’ahabitse ubuhirwe bwawe mu bwonko ( Ivyahishuwe)

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uburyo bw’ukurandura n’imizi inzitizi zibuza kuja ku Masonga.

Mu gitabo citwa ”The power of positive thinking”, canditswe n’uwitwa Vincent Peal, turabona aho , mu kigabane ca kane( Chapitre 04) ahanura abantu ko bogerageza amasengesho mu kurondera ko bogira ivyiyunviro vyiza , ari navyo bivamwo urukiza. Ivyo vyiyumviro navyo nk’uko tubizi ko vyatse indaro mu bwonko bwa muntu arivyo bitera bimwe bigezweho ”stress na  dépression ”

Mu bwonko bw’umuntu rero ngo niho hari ivyo vyose bimushikira. Ikintu muntu wese ari uwu musi ni icegeranyo c’uko akoresha ubwonko bwiwe. Nta muntu rero ashobora kugera iyo ageze mu buzima bwiwe atahashikanwe n’ikoreshwa ry’ubwonko bwiwe. Ni ikoreshwa neza ry’ubwonko ritumye ibihangange biba ibihangange aha kuri ino si.

Itarambere rero ryose uzoshikako, rifitaniye isano hamwe n’ikoreshwa neza ry’ubwonko bwawe. Mu bintu rero bikommeye bigize umuntu; hariho ubwonko hakaba n’umutima. Ariko nk’uko abahinga babivuga, vyose birakorana kandi kanatsinda ntiworeka.

Ku bijanye rero n’ubukene, ni ukuvuga ko ibinyamubiri bitera ubukene biheza bikariko mu bwonko nyene, maze gutyo bigaheza bigatuma umuntu agumana ivyiyumviro bitamuha guca urwevu ngo nyabuna yigovyore aheze ave hasi , yikure umwasi bukene.

Ivyo binyamubiri ( Les antités négatives) bitera ubukene ngo vyitwa ibinyenzigo( Les esprits de méchanceté nk’uko kandi tubibona mu gitabo canditswe n’umukozi w;Imana yitwa J.P.TIMMONS citwa ‘‘Mysterious secrets of the  Dark Kingdom”. THE BATTLE FOR PLANET EARTH

Nk’uko rero bizwi, n’uko intambara zose zibera mu mpwemu. Intambara z’impwemu nazo, ziraheza zikarwanirwa mu mpwemu nyene.

Ku mvo rero ikinyamakuru canyu www.indundi.com kitigera gihengeshanya kurondera ivyo vyose vyotuma abakanzi baco eka n’icuti n’abagenzi bogira ukuroranirwa, hari urwevu ( Révélation gishaka ku kumenyeha.

Ivyahishuwe rero n’uko, kugirango ushobore kwirukana ubwoko bunyuranye bw’impwemu mbi zikorera mu bwonka bwa muntu , woheza ugakoresha izi zaburi zine ( 04) tugira tugushikirize.

N.B nk’uko twama tubivuga, n’uko igihe cose uriko uravuga psaumes womenya ko utariko urwana n’abantu ariko nyabuna , uba uriko urwana n’imiyaga.

PSAUMES 05. PSAUME 09; PSAUME 32 HAMWE NA PSAUME 87 ( 05-09-32-87, ukuzizirikanira hamwe)

Heza rero wijukire gusoma kandi ushimitse, ni bitanakugora uzifate mu mutwe maze buri gitondo canke ugiye kuryama uzoheze uze uzivuga. Ivyo rero uzoze urazirikana ko uriko wirukana, canke witwarira ku Mana impwemu zitera ubunebwe. Izo mpwemu nazo zikaba zibonekeza ziciye nko mu bunebwe, ingwara zo mu mutwe hamwe n’ubundi bwoko bwose bw’ingwara bumugarika umuntu eka mbere bukamutera ibirwara bidakira ( ama diabetes be n’ibindi)

Uheze rero wongereko igisabisho kijanye n’ukurwanya impwemu z’ubukene( Priére d’intention).

Bikorane ukwizera, hama kandi wibuke gushinga Intahe, kuko ubu havurwa vyinshi abantu benshi bazokwemera  Inguvu z’IMANA babitumwe n’ukwemera. Ikindi womenya, si itegeko ko utegerezwa kuba uri umukene ko woheza ugakoresha izi zaburi. Aha nini nyabuna zituma mu bwonko bwawe hagubwa neza kandi bikagutera n’ukwemera Imana kurusha.

Ibi ni ivyahishuriwe ikinyamakuru “indundi gusa, ntahandi uzobisanga”

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55