Burundipersonal developmentUrwevu

Urwevu: Umukuru w’Igihugu cacu, ati ze murasoma n’ibitabo!

Nk’uko nyakubahwa Umukuru w’Igihugu cacu yigeze kubishikiriza aho yari mw’ikoraniro, yaraduhanuye ko twoza turasoma n’ibitabo, hejuru y’ibindi binyuramye dukora na vyonyene tukavyita ngo ni ugusoma.

Igitabo canditswe na Stephen R. Covey citwa “The 7 habits of Highly effective people’‘ nimba utaragisoma uheze ukirondere uze uragisoma kuko cerekana ibintu bitari bike bizogutuma, ushobora kwibohora ibikubonshe biri muri wewe nyene be n’ibigukikije .

Aratwereka ko, imbere y’ugushobora kugira imigenderanire myiza n’abandi duteg erezwa kuba twabanje kugira imigenderanire myiza na twebwe nyene. N’ukuvuga ko tuba tubaho twiyizi vy’ukuri. Ico turi tukizi, twibona uko turi tubanje kurabira mu vyirori vy’abandi. Dukora ivyo dukora  tukabikora dufatiye ku ma principes yacu, maze gutyo bikadufasha ukubaho tutajana n’imiyaga, kuko tuba duhagaze ku gaciro twebwe nyene twiha. Mu ma jambo make rero tuba turi ba twebwe nyene.

Kuko mu kiringo tutari ba twebwe, imigenderanire tuba turiko tugira n’abandi bantu iba ar’iy’ubwangushi. Abatubona baba bibaza ngo turi ba twebwe kandi tutari bo vy’ukuri kuko kanatsinda tutoba turi ico tutazi ko tuba turi. Mu majambo make uwutazi ico ari , ntaco ari. Ari “ikintu”.

Kandi rero ntibigutangaze ko ngo burya abantu bazi ico bari ni bake cane. Benshi turi ico batugize. Turi ivyo twibaza ko turi, kandi ubiravye neza wosanga atari vyo turi.

Stephen R.Covey muri ico gitabo, arakwereka inyifato indwi ushobora kwiga kugira, maze ngo mu kiringo umaze gutsinda intambara ihari hagati y’ico wagizwe n’ico uri, uheze rero gutyo ube wewe. Umaze kuba wewe rero uheze uca ushobora kugira imigenderanire myiza n’abandi be n’indi vyose kuko uzoba uri wewe.

Ico gitabo mushobora ku kirondera mu ka gisoma, hambavu n’ibindi musoma!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 281