Uncategorized

Urwevu . Uraraba neza ko utoba uri mu bavuga bati” Mukama ntibinkwiye”

isanamu ngereranyo y’uwuriko arondera gusenya inzitizi ziri mu bwonko bwiwe

Mbega wewe uri nde? ufise ivyiyumviro nyabaki? Ni ibiki wemera mu buzima bwawe. Ni izahe nyifato zawe canke kamere kawe? Mbega wumva ufise ukweyemera ku rugero rungana gute? Ufise imigenderanire iyahe n’abandi bantu? Ufise ukwizera abandi kungana gute? Woba wumva vy’ukuri wari ukwiye kuba uri umutunzi ufatiye ku gaciro wiha? Ni inguvu izahe wiyumvamwo z’ugushobora guhanga n’ubwoba, ukutagubwa neza? Wumva woshobora kubandanya uhangana n’ubuzima naho woba uri mu bihe bitakoroheye?

Ivyo ni bimwe mu bibazo umwanditsi T.Harv EKer akubaza mu  gitabo  yanditse citwa secrets of the Millionaire Mind. aho mu majambo make ashigikira ko uburyo winjiza mu buzima bwawe ngo bungana nyene n’aho ugeza mu kwiyumvira ku bijanye n’amafaranga

ivyo rero uwo mugabo avuze ntabivuze wenyene kuko hari n’abandi benshi bavyanditse muri iyo nzira nyene, aha twovuga nk’uwitwa Napoleon Hill mu gitabo kizwi cane nizeye ko mwese mumaze gusoma citwa ‘‘ Think and Grow Rich’‘ aho nawe nyene yerekana ko amafaranga umuntu aronka ngo afitaniye isano n’uburyo aba yiyumvira .

Ikindi gitabo dusangamwo ivyiyumviro nk’ivyo ni icitwa 7 Strategies for Wealth and happiness canditswe n’uwitwa Jim RHON aho , usomye , hari aho asigura ko ukuronka amafaranga aruta aho ubwenge bwawe bugera mbere ahubwo ashobora n’ukuguhitana agatwe, imbere y’uko aruhira gusubira iyo yavuye kuko weho uca ufatwa n’ikintu gisa nk’ikigutuma utaronka amaragamo utabanje kuyikura.

Dufatiye rero ku bitabo benshi bandika, turaheza tugasanga benshi babishikiriza uko nyene bikaboneka y’uko ariko babigenderereje maze bagasanga ni vyo koko. Ikibazo aho kiri ni aha: Ni gute none twohindura mu bwonko bwacu hagatumbera, hakaguka ku buryo haboneka ikibanza c’ukwinjizamwo ubutunzi?

Ica mbere ngenderwako ni uguhera uwu musi wumva ko , ukugira amatungo menshi ari uburenganzira ndemanwa. Ntabwo wavutse ngo uzoherekeze abandi kuri ino si. Ukubona abandi batunzi ahubwo bikubere akaryo k’ukuronka inguvu kuko kanatsinda, iyo ubunye umuntu yarashitse ku kintu ni co cemezo nsimusiga ko ico kintu gishoboka.

Iyamirize ayo majwi yose mu bwonko akwongorera ngo ” Ntibinkwiye”

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55