Uncategorized

Urwevu : Wari uzi insiguro y’ ”ugufukama” mu buryo bw’impwemu?

Isanamu ngereranyo y’umuntu ariko yiyumvira uburyo bunyuranye bw’ukurandura imizi inzitizi.

Kuko rero noneho hari ibintu vyinshi umuntu akura bamubwira ngo agire, maze gutyo akagamburuka, ni co gituma, iyo amaze kuba nk’uwikukiye aheza kenshi na kenshi akagenda aradebukirwa , gutyo bikanka gushinga  imizi muri kameremere yiwe, bakarahira kuba akamenyero.

Wari uzi ico ugufukama bisigura mu buryo bw’impwemu? Mu rwevu ikinyamakuru canyu indundi Magazi carose, casange burya ugufukama imbere yo ku ruhimbi bifise insiguro zikomeye cane.

Burya rero nk’uko musanzwe mubizi, uburyo bw’ukuganira ( communication) buri kune buri gutanu, tutibagiye na cane cane uburyo bw’ugukoresha ibimenyetso. Mu kirundi cacu ba Sokuru baciye umugani bati ”Uwukuravye igitsure agutera kwikwiza”. None ni nde atazi ko , umuvyeyi wawe iyo adashatse kuvugira hejuru, haba ukuntu akuraba mu maso maze gutyo akaba agize ico akubariye?

Ukwicisha bugufi

Abarundi nitwe tufise amajambo afitaniye isano rikomeye n’amajambo akoreshwa mu buryo bw’impwemu . kandi burya nta kabur’imvo. Noneho rero mu gihe ufukamye hafi, uba werekanye uko, ufatiye kubiguhanze , wewe uri muri nya kiringo nyene. Uba werekanye ko , uko uhagaze muri ako kanye nyene, ibiguhanze bikuruta , none rero ko, mu kiringo utoronka inguvu zivuye mw’ijuru, utokwubahuka ngo uheze uhangane navyo. Uba werekanye ko, muhagaze hamwe , wewe uca uba mugufi. Muribuka Umwami David na Goriati? None iyo Imana itamufasha mubona yari kurica? Uno musi Goriati wawe ashobora kuba ari bino canke biriya. Inyishu uzoyikura aho ku mavi yawe.

Ugusaba ugutabarwa

Umaze gufukama imbere y’Imana, uba wamaze gutera ingorane, mu bwami bw’abansi. Murazi igituma? Mu bisanzwe uba wareganye!!! Uribuka nka harya ukubise uwo muvukana ata wundi yabona ukuntu uca ugira ubwoba iyo atanguye kurira? Ugira uba ubabajwe n’uko arize kandi ari wamubabaje? hama na mba! uba utinye ko haze umutabazi. Uwukurusha inguvu.

Ugusaba ugukingirwa mu twawe.

Ikindi rero tutari twiteze twatohoje n’uko harya iyo ufukamye, naho ata jambo wocisha mu kanwa, yamara ukahamara akanya gakwiye, ngo ingabo z’injuru zijejwe gukingira amatungo yawe, inka n’ibibondo ngo ziba zamaze guhamagarwa. Muzobona ko Umwami David akoresha iryo jambo gufukama muri ZABURI 5 . Noneho kandi turetse ugukingira utwo wari ufise, ngo haba harimwo n’ugusaba kwongererezwa..

Ugusaba ukuramba.

Ng’uru rero urwevu nyene beshi bashobora kuba batari bazi. Mu kiringo rero ngo ufukamye imbere y’Imana , muri vyinshi ijuru ritahura usavye harimwo kandi n’ukuramba. Canke na cane cane ukuzogira amaherezo meza( Une bonne mort).

None ivyo hari n’uwobiciye n’ikanda? Kuva jewe nciye urwevu ubu nyene nanditse iyi article, nciye nfata ingingo y’uko ntagisubira gusenga ntafukamye. Canke naho vyoshika ugasanga si wo mugenzo w’aho usengera muri kino gihe, uzoze urahengera nka harya inkuka irangiye maze uyomboka uja imbere y’uruhimbi ntahave utahafukamye.

Kumbure wahore mbere wama uza urafukama. ariko kuva uwu musi uciye uru rwevu, urahiriwe kuko ugiye gufukama uzi neza ivyo uriko usaba, canke ubwira ijuru. Ndazi ko mubizi kundusha caane, yamara, aho muri hose ntimuze mwigere muhengeshanya kwibuka ko ijuru riduhanze amaso.

Kugira nze ndavyiyibutsa jewe, nasanze noza ndaririmba akaririmbo karaho nakuze numva baririmba mw’isengero kavuga gati ” Nimwamize agatima ku vyiza vy’ijuru Haleluya”.

IJURU NGO RISHAKA KU TWAMIZA AGATIMA KU VYIZA VYACU.

( Tuzobandanya tuyaga ku bijanye n’ugupfuma hamwe n’ibindi. Ni vyinshi kumbure abatureze mu buryo bw’impwemu batatubariye kuko binashoboka ntibabe bari banabize na bonyene. BARAHEZA NA BO NYENE BARABIRE HANO BACE URWEVU).

 

L’HOMME N’EST JAMAIS SI GRAND QU’A GENOUX DEVANT DIEU ( NAPOLEON Bonaparte}

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55