BurundiUncategorizedUrwevu

Urwevu: Woba umaze kwibaza ko wahukanye ariho wogira amahoro?Banza usome bino!

Kuko mu bisanzwe rero, uwo wari warahisemwo ngo mubane  atakuguyeko giturumbuka, nico gituma, ukumwikura, kenshi udasnga ariwo muti.

Uwo uriko uragayagura, ntugire ngo mwahuye kubera wihenze,oya. Hari ibintu vyari muri wewe kirya gihe muhwana, vyatumye wumva ari we ushaka kuko nawe hari ibiri muri we vyari bihuye n’ibiri muri wewe.

Urashobora rero gusanga, wewe ivyari muri wewe ico gihe, uriko urabirengana kubera igikorwa wakoze kuri wewe nyene.( un travail sur soi), ugaheza ugasanga ntukiri wa wundi wari igihe mwafatana n’uwo murikumwe.

Kuko rero mutakireha mu buryo bw’impwemu, uwo musaraba mwari mwikoreranye , ubu usigaye ubona ko umengo urahengamye. Ukwiyumvira kuwumutana, siwo muti. Nyabuna, nyabuna rondera uko nawe womufasha agakura , agaheza akagera ku ruguro ugezeko gutyo uheze uzokwumve ko umusaraba mwiremekanye atawe wataweko.

Aho rero usanga uriko uribaza ngo ugiye uzoca uheza unezerwe. Uzonezerwa igice, kuko uwo mwarikumwe ntuzogera umwibagira, igihandi kinini c’ibikugize, kigizwe na we. Ukuvana nawe bizogutera kuguma umwiyumvira,kuko ukuvana n’umuntu mumaze gusangira ibishobisho bimwe bikomeye birurumba nk’umuriro, mbere ni bwo buryo bukomeye bw’ukumwiyegereza. Uzohava usanga uciye umwiyumvira cane kurusha uko wamwiyumvira mukibana, waba umwiyumvira neza canke nabi, ntaco bihindura.

Muti none vyogenda gute?

Reka nongorere abo zaturemye kumwe. Nyene urugo, Se rugo ni umugabo. Iyo urugo rugize ibibazo, yaba abishaka canke yaba atabishaka, vyose biba bivuye kuri we. Umukenyezi mu buryo bw’impwemu , ameze nk’isi , umurima. Umugabo nawe ameze nk’umurimyi, umubivyi.

Uko isi kwose yomera, umubivyi arafise ububasha n’ubushobozi yahawe n’Imana y’ukuyihindura, akayimenya, akamenya acidité yayo, akamenya, imiziro yayo, akamenya imbuto zijanye na yo, akamenya ibihe( Saisons) vyayo.

Umugabo ni we mu Leader. Iyo équipe itari performante, burya abakinyi sibo baba bafise ibibazo. Oya. Biba bivanye n’ubuhinga canke ubuhizi buke bw’umu Coach kuko ataba yarashoboye kumenya imikenyuro yose ishoboka kugira abo arongoye baheze bashike ku mataba y’imisozi.

Aha iwacu ukwubaka, kera ikirundi ciza ba Sokuru bakoresha ijambo “ukurongora”. Muri iryo jambo rero umuntu aca yumvamwo ijambo “ukurongora, ukuba umurongozi”. Umugabo, arongora igihugu kidasanzwe , akorera ahanyerera, akorera mu ruhojojo rw’ibishobisho biruguta kurya k’umuriro , ivyo bikaba biri uko mu gihe imiro ya nyakanga, canke imiriro y’ivyaduka, yasasiwe indava muri kino gihe ivyo twita iterambere biza vyaratanguye kudufukura agahuzu ‘buntu” tuba twarahawe n’akaranga. Gutyo bukebuke tukagenda turatakaza “akarangamuntu”

Uti nobigira gute spiritually?

Aho muri urwo rugo, ugasanga usigaye wumva utagihabwa ikibanza kigukwiye, uraheza uce umenya ko mu buryo bw’impwemu wamaze guterwa. Hari izindi nguvu zakunyaze ubugabo. Ni ukuvuga ko hari inguvu zishaka kwicara ku bugabo bwawe, zigashaka kuba arizo ziganza urugo, nayo weho uvuze ukararirizwa kurya kw’injugujugu. Ntabwo uwo mubana ariwe mubi, oya!

Koresha psaumes

Uburyo bw’ukwerukana izo nguvu uzoburonswa na Psaume 11. Umaze kuza urayivuga, bizoguha inguvu n’intumbero ivuye ku Mana y’ukuntu utegerezwa kurongora urugo rwawe. Umaze kubona rero uko guhohoterwa mu buryo bw’impwemu birangiye, uzoheza uce uza urakoresha Psaume 45 kugira ngo Imana iguhe inguvu n’ubwenge bw’ugushobora kugira inyifato ibereye umurongozi, maze gutyo umurongorwa aze aheze ace yumva mu buryo bw’impwemu ko umubereye umurongozi mwiza kandi avyifatamwo neza.

Ibizokurikira muzoheza musange muriko musenyera ku mugozi umwe( harmony), uvuze A, akumva A ahu kwumva B; umuhanuye akumva ivyo uvuze  aho kwumva ko umusuzuguye.

Gutyo rero ivyo bibondo mwarose muzoheza mube mubihaye icari kirimwo ubushuhe bw’urukundo, maze imitima yabo yoye kuzohava ikura yaradadaraye kubera igikonyozi kimenera mu vyanzo vyatobaguwe n’umwansi shetani kuko wewe aba ashaka aho azocisha ivyo bibondo ngo abirongomye kurya kwa Nyamwoma ikwega imyaga y’intamba icishije mu bihengeri vy’uruhongore rw’aborozi b’ibisamare.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 324