Inkino

#basket ball Gafyisi ahinduriye ikibanza Kern

Ihiganwa rya basket ball mu gisagara ca Bujumbura ryarabandanije mu gice ca kabiri caryo benshi bita phase retour mu kinyamazuru.

 

Mbuyi atsinze amanota atari bwinjizwe i Bujumbura
Ku munsi wa gatandatu niho New stars yirahira Aigle noir mu bagabo ku manota 120 kuri 35 ,muri
Kabura Rodrigue wa New stars yinjije wenyene amanota 61 mu rukino rumwe .

Mu rundi rukino Gymkhana yatsinze Mutanga United ku manota 79 kuri 78 .

Kuri uyu w’Imana , urukino rwari guhuza Dynamo n’a les hyppos ntirwabaye rukaba rwungurujwe Ku rindi sango, co kimwe n’urwari guhuza Young sisters na Aigle noir mu bakenyezi, ariko muri ico gisata nyene Les Gazelles yirahiye Gladiators 74 kuri 50 icifata ikibanza ca mbere vy’imfatakibanza.

Gafyisi n’ Urunani bihaniza Kern.

Mu rukino rwahuje Kern n’ Urunani rukarangira Urunani rukubise ubutinyagaza Kern ku manota 69 kuri 50 , umukinyi Elvis Hakizimana ku myaka 35 akaba yaramereye nabi Kern Ikinamwo Alvin Ninziza mu kuyinjiza amanota 23 harimwo amwe atatu,atatu yinjije incuro 6 akaba yerekanye ko akiri igihangange ibishobora kumugarukana mu murwi nserukiragihugu yigezemwo.

Mwomenya ko Urunani inyuma yo gutsinda Kern mu nkino zibiri ari rwo ruyoboye n’ikibanza ca mbere bambuye Kern.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036