IKIRUNDI_news

Ubutumwa bwa Maitre Muvayo kuri Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye

Uno musi ukuririmba ngo ntibikiri ivy’ukwiryohera gusa, ahubwo ngo rwabaye urudandazwa, vyabaye umwuga nk’iyindi yose. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Maitre Muvayo mu kiyago yagiranye n’abamenyeshamakuru. 

Uwo muvyeyi yabaye hafi abaririmvyi batari bake, uhereye mu kubaha akazi kuri Tempete aho yarafise karaoke, gushika ku kubavugira mu butungane iyo bagize ivyago vyo gukurikiranwa ku makossa baba bakoze, asaba umukuru w’igihugu Nyakubahwa Evariste Ndayishimiye ko mu migambi ategura nabo yobashiramwo.

Muvayo yagize ati : “Mboneyeho n’akaryo ko gutera akamo nyene icubahiro umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi, yuko mu migambi ishemeye ariko arakora n’ivyiyumviro vyiwe ariko arashira imbere ku vyerekeye iterambere ry’Urwaruka. Vyukuri nyene icubahiro abo bita abasani, abaririmvyi, mubafashe kugirango ukwo kwiteza imbere kwako, nayone bayihe agaciro ngaha mu Burundi. Murazi yuko kuririmba bitakiri vyabindi vyo gutambatamba, mugabo vyabaye umwuga, abana b’uburundi dufise ngaha bafise ingabire yo kuririmba ni benshi cane. Umuziki wabaye ikintu kidasanzwe haraciye ikinjana ubu, hariho abaririmvyi batanga amakori mu bihugu vyateye imbere, bafasha imiryango, bafasha igihugu, bafasha ikomine, ariko vyose ni Politique. Nyene icubahiro, mu migambi mufise, abaririmvyi nabone mubashiremwo, turavyizeye ko nabone boterera igihugu(…)” 

Maitre Muvayo akaba avuga ko abo baririmvyi bashobora gufasha igihugu cacu kugumana isura nziza mu makungu, nkuko nabo bamenye ibihugu bitandukanye neza kubera abaririmvyi bahora bumviriza bakiri bato. Akaba yaboneyeho akaryo ko gusaba ngo Leta nkozi Leta Mvyeyi “kw’ico kibazo c’abaririmvyi mu Burundi, na bamwe bagira Comedie ko bocicarira kugira ngo aba abana b’abarundi bazi kuririmba, bubahirizwe bafatwe mu mugongo” Kugira bikunde babashe kwikenura, banarihe n’amakori yinjire mu kigega ca Leta.

Mwomenya ko Maitre Muvayo ariwe yavugiye Olegue aho yari mu buroko, ariko akaba asanzwe nawe ubwiwe ari umuririmvyi anavuza ibicurarangisho bitandukanye neza cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036