homepage

Mt number one aragereranya ntatomora igihe azosohorera indirimbo yiwe nshasha

Indirimbo n’umuririmvyi akomeye ngaha iwacu Mt Number one avuga ko ariyo ndirimbo nshasha azoshira ahabona.

Mu kiyago nimboneshakure BETV, Mt Number one yemeye ko hari indirimbo nshasha mu misi ya Vuba buca ashira ahabona, naho atavuze neza igihe izoshirirwa ahabona, ariko akaba yagereranije.

Intango y’umwaka wa 2019, canke impera y’umwaka wa 2018, niho Mt Number one yavuze ko yiteze gushira ahabona akaririmbo gashasha ngo azokorana n’umuririmvyi waha iwacu. Mt akavuga ko uwo muririmvyi ari uwukomeye ngaha iwacu.

Abajijwe nimba ibikorwa yaje abikoze canke ari ibizokorerwa ino, yamenyesheje ko atigera aza akoze indirimbo, kuko aba azi ko aje mu bahinyanyuzi bakomeye ngo ashima kubikorera ngaha ku butaka bw’Uburundi.

Mukibuka ko Mt Number one mu misi iheze yari yavuze ku biteramo vyukuzunguruka Uburundi yipfuza gukora, hamwe nigihe azobikorera, mbere numurwi yipfuza ko babitegurana aho ugeze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686