Diasporadiaspora musickirundi

4show yatahukanye agashimwe imbere y’abaririmvyi bava ahatandukanye muri Afrika

4show ni umuririmvyi w’umurundi asanzwe aba muri Reta zunzubumwe bwa Amerika akaba ari naho akorera ibikorwa vyiwe vy’umuziki.

Mu kiganiro yakoze kuri Indundi Tv yaravuze ko agiye gushira ahabona urukurikirane rwiwe azoba ari kumwe n’abaririmvyi batandukanye b’abarundi atashimye kuvuga.

yaranatubwiye igiteramo yari yatumiwemo i Toronto yahuriyemwo n’umuririmvyi w’umuganda José Chameleon.

Ico giteramo kibaca cagenze neza aranashima kuba yaraharonkeye akanya keza ko kunezereza abakunzi biwe.

Ivyo bikaba vyaciye bimwugururira imiryango indirimbo yiwe ija mw’ihiganwa ryateguwe muri Amerika mu kumenya umuririmvyi w’umwaka ku rwego rwa Afrika.

Igenekerezo rya 10 Nyakanga 2022 Kay Kay 4show akaba ariwe yatahukanye ako gashimwe imbere y’abaririmvyi bava mu bihugu bitandukanye nka Nigeria, Senegal, n’ahandi.

Kubwa 4show ico asaba abarundi n’uko boshigikira abaririmvyi babo naho boba bari mu mu mahanga.

Tukaba turonkeyeho n’akaryo ko kunamutumira mu kiganiro Diaspora show gica kuri Indundi Tv, aho uzomenya vyinshi kuvyerekeye abaririmvyi basanzwe baba mu mahanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 469