homepageUrwevu

#Urwevu| Randura Inzitizi”Timidité” uyihereye mu mizi.

Maze rero ugasanga nk’ubu umuntu arafise ibintu vyinshi ashaka gushikiriza abandi. Mu kiringo ari wenyene, akabisubiramwo adahigimanga. Yamara mu kiringo ashitse imbere y’abantu, ugasanga ururimi ruciye rugoba! Mbere n’intuguta ikamuca irya n’ino, nayo mu kuvuga akajugumira, iyo mbere agize Imana ntibimushikire n’ivyo yagomba bikagenda amazimayongo!

Ugiye rero kuraba ico bita “timidité” uraheza ugasanga  babisingura ngo ni ” manque d’assurance” twovuga ko ari nk’ubura ukwiyemera. Yamara uko kubura kw’iyemera biba bifatanye n’ubwoba uba ufise bw’abandi na canecane abo utari uzi. ( Peur de l’iconnu).

Umwanditse Nicholas Boothman, yanditse igitabo citwa ” Convaincre en moins de 2 minutes” niwe yaduhaye umuco ukwiye , werekana neza ko intambara ziba ziriko zibera mu buryo bw’impwemu.

Au cours des deux premieres minutes de toute rencontre; il ne s’agit simplement de donner une bonne impression initiale mais d”établir un contact entre les instincts et la nature de chacun des individus en relation. Au cours de ces premières secondes, notre instinct de survie inconscient entre en jeu: notre esprit et notre corps décident de fuir, de combattre ou d’interagir avec l’autre , qu’il représente une opportunité ou une menace, qu’il soit ami ou ennemi”.

Tugiye kuraba uko bigenda kugirango umuntu agire ubwoba, ngo n’uko, mu gihimba citwa Amygdale kiri mu bwonko haba hatanzwe inkuru zijanye n’igitero maze ubwonko ngo bugaca bwihuta kurungika hormone bita adrénaline. Iyo adrénaline rero ngo niyo ituma umubiri uca uja mu ruhagarara maze bigasa nk’ukukwibira akabanga ko nyabuna wohava.

Uretse rero ubwoba bugaragara ,nka harya umunUmuntu rero ntatinya ibintu ubwavyo, aratinya kandi n’uko aba avyise.

Bumwe rero mu buhinga bw’uguhindura uko dusanzwe turemwe, abahinga basanze ari ukuza umuntu aribwira amajambo ahumuriza( Autosuggestion). Ayo majambo rero uko uyavuga niko atera anyengetera muri ka gatimatima subconscient , iyo hinyegeje ibishobisho wahaye indaro kuva mu buto.

Subconscient rero imaze kunyurwa , mu gihe ugeze imbere y’umuntu , ka gahande Amygdale ntikazosubira kwihuta gatanga inkuru y’uruhagarara, ahubwo nyabuna kazoremesha maze nk’uko twabibonye abanhinga babivuga, ah’ukurungika hormonnes yitwa adrénaline nyabuna harungikwe iyitwa “ocytocine ” yoyo ngo itanga ihumure maze ukavuga utekanye.

Tugiye muri Bibliya rero, hariho amajambo , umwami Dawudi yakoresha vyaboneka ko ari amajambo yo muryo bw’impwemu agamije kwiremesha. Twihweje  ivyo abahinga bavuga mu  vyo psaume 27 ifasha, turabona ko bifitaniye isano n’iyo ngwano iba iriko iba muri subconscient.

Mu gitabo canditswe n’uwitwa Joseph Murphy wo muri Amerika, citwa ” The Power of your subconscious mind” hariho aho yandika ko ugusoma aya amajambo imbere y’ukuryama : psaume 27, 23 na 91, chapitre 11 yose ya Hebrews hamwe rero ngo na chapitre ya 13 ya 1 Corinthien. Naho yavyanditse cane ayahanura abubatse, biragaragara ko amajambo yo muri bibliya ari ibikoresho bikomeye cane vy’uguhindura ibindu mu buryo bw’impwemu.( Pour influencer le subconscient).

Uraza urasoma izo nyandiko , nacane cane psaume 27, ugasanga uri timide. Ukazogira témoignage uzoyishikiriza dufashanye kurwanya inzitizi zitubuza gushika ku masonga abandi bashitseko. 

AGATAKAYE NTAHO KATARONDERERERWA!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691