homepage

#paris | Abashika 4 baramaze kuhasiga ubuzima

Isanganya rya Gaz ryabaye muri aka gatondo k’uwa 6 I Paris mu bufaransa rimaze guhitana abashika 4 n’abandi barenga 10 bakomeretse bikomeye.

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu Ku murwa mukuru I Paris mu Bufaransa, kwi barabara ryitiriwe 9eme Arrondissement humvikanye igiturika  mu nzu badandarizamwo imikate, Boulangerie. Gushika ubu hakaba hamaze kumenyekana abashika 4 bamaze kuhasiga ubuzima, n’abarenga 10 bamaze gukomereka bikomeye.

Abasanzwe bazimya imiriro, Les Pompiers, ngo bakaba bakijije abashika  naho muribo harimwo 2 babuze ubuzima.

Bamwe mu basanzwe baba muri iyo nzu y’umuturirwa, bakaba bavuga ko ubwa mbere bari bibajije ko yoba yari nyamugigima, abandi nabo bakaba bavuga ko bari bibajije ko habaye I gitero kubera ubunini bw’induru yumvikanye igihe c’iturika.

Ico caturitse, amakuru dukesha le Figaro akaba avuga ko ari Gaz yoba yaturitse muri iyo nzu y’abadandaza imikate. Umushingwamanza mukuru I Paris akaba ahejeje kuvugana n’abamenyeshamakuru akavuga ko icaturitse cabaye igisida.

Tukaba twifatanije n’abandi guhoza imiryango yaburiye muri iryo sanganya ryabaye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686