East Africa NewsEntertainmentkirundimusic

Aba Tanzania badahindutse ngo Diamond muri uno mwaka wa 2020 arazima

Muri kamere y’aba Tanzania ngo inyuma y’imyaka 10 mu muziki ngo baca bazima, ntihagire uwusubira kumwumviriza nkaho umengo ntiyigeze abaho. Aho hagatangwa akarorero k’abaririmvyi bari bakomeye mu myaka iheze nka Mr Nice, n’abandi benshi. 

Umwe mu bakurikiranira hafi umuziki muri Tanzania kaba avuga ko Nasibu Abdoul DJuma benshi bazi nka Diamond Platnumz bishoboka ko uno mwaka wa 2020 ashobora gusubira hasi cane mu gihe hatoba igitangaza. 

Umumenyeshamakuru akaba yabajije umwe mu banyarusaku bakomeye muri Tanzania nimba yibaza ko uno mwaka Nasibu azohava asanga Harmonize yamuciyeko. Uwo munyarusaku akaba yamenyesheje ko bigoye kuko kurengana Nasibu ngo bisaba kuba ufise umurwi ukomeye cane mukorana, uwo nawo ngo Harmonize badacana uwaka muri kino gihe ngo akaba atawe afise. 

Mwokwibuka ko Diamond Platnumz uno mwaka wa 2019 yakwije imyaka 10 ari muri uno muziki kandi yifashe neza cane, ariko bikaba bigoye kwemera ko uwo muririmvyi azosubira inyuma kuko abandanya gukora ibikomeye mu muziki muri Tanzania. 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556