homepage

Masterland yamenye ibanga ku buryo yabona abakobwa bagendanye

Masterland ngo amaze gusohokana n’abakobwa babiri gusa, kandi abo bose ngo nta numwe yarafise ivyo akunda ku mukobwa. Ivyo nivyo aheruka kubwira imwe mu mboneshakure ya hano iwacu.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyi yamenyesheje ko hari indirimbo yiwe nshasha buca ashira ahabona, iyo ndirimbo akaba yavuze ko izoba yitwa “Ikimetemete”. Akaba yavuze ko iryo jambo risobanura ikintu kidoshe, ngo bakunda kurikoresha ku bigeme bateye neza.

Masterland yanavugiye muri ico kiganiro ko ngo ubu yipfuza umukunzi azoba afise ivyo akunda, apana ivyo aba adakunda. Ivyo akaba abivuga ngo kubera uwo mwigeme atuma akubabaza ariko ngo afise ivyo uba ushaka, nayahandi afise ivyo udashima ngo uba ubona ko umengo warahomvye.

Uwo muririmvyi akaba muri ico kiyago nyene yavuze ko amaze gusohokana n’abakobwa 2, abo bose uko ari 2 ngo nta numwe yarafise ico we yipfuza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686