homepage

Mt Number one yatanze ayatari make ngo bakorane na Sat-b

Amafaranga Atari make ngo yoba yarasohowe na Mt number one kugira abashe gukorana mugenziwe Sat-b, nkuko bishikirizwa n’impande zose, yaba Sat-b co kimwe na Mt Number on ubwiwe.

Mu kiganiro yagiranye na Indundi TV, Sat-b avuga ko Mt Number one ari umushoramari, kuko igikorwa bakoranye cabasavye uburyo butari buke, kandi akaba atahengeshanije gushiramwo uburyo bwiwe. Kubwa Sat-b ngo ico gikorwa ni ciza kuko canakozwe n’uwo yizeye.

Mt Number one nawe mu kiyago yagiranye na Indundi Tv ntiyaretse nawe kugira ico avuga kuri iyo ndirimbo “My only one”. Iyo ndirimbo ngo n’umugambi munini bakoze. Akaba avuga ko iyo ndirimbo iriko ikorwa na Empire Avenue aho avuga ko umuhinyanyuzi ari Kent-p.

 Sat-b muri ico kiyago yagiranye na Indundi Tv, avuga ko iyo ndirimbo izoza imeze neza, kuko Kent-p yaramaze igihe ariko ariga, ngo ubu afise ubumenyi bundi buri hejuru. Uwo akaba ariwe muhinyanyuzi ngo yoshima ko bakorana igikorwa hampande y’abanyamahanga basanzwe bagize igihe bamukorera indirimbo.

Mwokwibuka ko Sat-b yaramaze igihe adakorana n’uwundi muririmvyi wa hano iwacu, nayo Mt Number one akaba yaheruka gukorana na Masterland haraheze umwaka wose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686