homepage

Andy Mwang asaba bamufashe gucagura Logos azokoresha

Urubuga rushobora kuzoshirwako ibikorwa, amakuru, co kimwe n’amagahunda ya Andy mwag nirwo rugiye gushirwa ahabona vuba cane.

Mu gihe yariko asaba abantu kumufasha gucagura Logos, muzo yari yakoresheje, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp, twahavuye turonka amakuru ko hari n’urubuga rugiye gushirwa ahabona.

Ntiturabasha kumenya intumbero y’uwo muririmvyi, ariko uwo akaba ari mu baherekeje Yvan Buravan mu biteramo bitandukanye yakoze, aho yari yatsinze mw’ihiganwa rya Prix Decouverte RFI.

Mwokwibuka ko uwo muririmvyi asanzwe aririmba kandi akaba akorera I Kigali, akaba ari muri bake bakunzwe kandi baronderwa cane I Kigali kubera ubumenyi asanzwe afise mukuvuza Guitare..

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686