HealthkirundiWorld News

Ubufaransa bwemeye gukoresha Chloroquine mu kuvura Corona Virus

Plaquenil Umwe mu miti irimwo Chloroquine

Mu gihe impari ari nyinshi ku muti woshobora gukoreshwa mu kugwanya ikiza c’umugera wa Corona Virus gihangayishije isi, kandi kiriko gitwara abantu benshi, barenga 1000 ku musi, mu bufaransa hari uwo bamaze kwemeza gukoresha.

Mw’itegeko ry’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ryasohotse ku musi wa kane, igenekerezo rya 27/3 umushikiranji w’ubufaransa yarekuriye abaganga ko bashobora gukoresha umuti wa Plaquenil uri muyiva muri Chloroquine vy’imfatakibanza. Uwo ariko ngo ukaba uzohabwa abagwayi mu gihe muganga abonye ko biri ngombwa.

Ico gihugu kikaba gihambije Maroc nayo yaheruka kumenyesha ko umuti ugiye gutangura gukoreshwa mu kugwanya iyo ngwara ari Chloroquine, kuko umaze kwerekana ko ushobora kugira ico ufashije mu bindi bihugu.

Ivyo kandi bishitse mu gihe hari hagize imisi impari kuri uwo muti, ariko umwe mu bigisha kandi akaba n’umuganga wo mu gisagara ca Marseille, Didier Raoult, akaba yaheruka kwerekana ibiharuro vy’ibipimo yakoze ku bagwayi b’iyo ngwara, aho yerekana ko uwo muti ugabanya bikomeye iyo ngwara mu mubiri.

Mukibuka ko gushika ino saha uwo mugera ugeramiye ibihugu bitandukanye, ariko mu bushinwa watanguriye ho bikaba biboneka ko wagabanutse bimwe biboneka

What's your reaction?

Related Posts

1 of 460