homepage

Alain Arakaza Impunzi yerekeje mu gipolisi inyuma y’ukuva mu gisirikare ca Canada

Inyuma y’uguhungira muri Canada haraheze imyaka 10, yahavuye yinjira igisirikare ca Canada ahamara imyaka 3, none ubu agiye kwinjira mu gipolisi naho. Alain arakaza abonwa nk’indongozi nziza akaba avuka ku musirikare w’Umurundi yarakomeye cane mu myaka ya 90.

Alain Arakaza n’umusore w’umurundi w’imyaka 25, mu misi mikeya agiye kwinjizwa mu gipolisi muri Canada inyuma y’ukurangiza mw’ishure ritegura imikangara izinjizwa muri ico gipolisi.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Radio canada abishikiriza, uwo musore avuga neza indimi z’icongereza n’igifaransa ngo yipfuza gukoresha neza ibihe bibi yaciyemwo mu gufasha abo bazohurira mu mabarabara y’i Toronto azocamwo igihe azoba yinjijwe muri uwo muryango mushasha.

Uwo musore amaze imyaka 10 muri ico gihugu, inyuma y’ukumara imyaka 3 mu gihugu ca Kenya ariho bari bahungiye, aho avuga ko ubuzima butari bwiza na gato kuko bafungura rimwe ku musi. Ico gihugu ngo nticababereye neza na gato kuko ngo yahavuye ahaburira umuvyeyi wiwe -Nyina-, yongera anaheba ishure kuko yabuze uburyo bwo kwiga.

Abariko baramwigisha muri iryo shure ritegura iyo mikangara bavuga ko ari umusore yavukanye akariro k’uburongozi, bakavuga ko azokwitara neza muri ico gikorwa. Abarundi barayamaze bati isase riva ku cuma, Alain akomoka ku nararibonye ry’umusirirkare w’Uburundi uno musi yakukurutse ariko ashimwa na benshi kuko igihe c’intambara ngo yakingiye benshi.

Alain Arakaza akaba avuga ko kuba impunzi bitagayitse, kuko ngo ari kahise ariko atarivyo bigusobanura. Akabasaba kugumana ubwira n’inguvu, kuko igihe kimwe bizogenda neza.

Mwomenya ko Alain Arakaza ngo yabanje kwinjira igisirikare ca Canada mu kiringo c’imyaka 3 imbere yuko uwo musore afata ingingo yo kwerekeza muri nyigisho zimuha ubushobozi bwo kwinjira mu gipolisi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686