homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu|Menya gukorosha ubwo bwonko bwawe uhindure ikibanza (2)

Woba uzi ico wifuza ? koko? Ico kibazo ntikigutangaze kuko abahinga banyuranye mu bitabo dusoma bamenyesha ko abantu benshi tutazi ivyo twifuza. Benshi ngo turazi ibitugoye koko yamara ngo ntituzi ivyo twifuza koko. Ubwonko bwacu ngo tubwamiza kubitugoye maze tugaheza tubura umwanya w’ukwiyumvira ivyo twifuza koko.

Imitima yacu iri kubiduhanze, ntiri ku vyo twifuza

Ivyo twifuza bitubana vyinshi bigaheza bikaza kuba nk’uruzitiro rutuzibira kubona ivyo twifuza koko. Ibitugoye bitubana vyinshi maze bakaza kuruhira kutwemeza ko ivyo twifuza tutobishikako. Turaheza tugaca tuguma inyuma y’urwo ruzitiro tw’ubatse maze uko twunamuye amaso tukabona impome zirerizire tukaruhira gutuna bugatondera mbere tugaca turondera ivyitwazo( Excuses) bidutera kuguma twisinziririye inyuma y’inzo nzitiro twubatse, uwugukomye , ukaba wamije hafi imvo nyishi twita zi NTIBISHOBOKA.

Ibishobisho ni nk’ibise bituma umuvyeyi yibaruka

Hano abahinga babanza bakamenyesha ko ukwiye kumenya uko isanamu( ( self-Iimage) iri muri ka karima (subconscient) ihashika iciye mu vyiyumviro. Aha barabanza bakakumenya ibintu bibiri kumbure utari uzi. Urakwiye kumenya kandi ugatandukanya ibintu bibiri: Iciyumviro( Idée, thought,) hamwe n’ibishobisho( Emotions, feelings, émotions).

Rondera uburyo bw’ukurwiza ibise

Mu gihe rero ubonye iciyumviro cawe kidahavuye ngo kivyare ivyamwa, n’ukuvuga y’uko ingorane iba yabereye mu bishobisho bigishigikiye. Ugasanga urifuza kuba umutunzi mugabo vy’ukuri udafise imvo zikwiye mu bishobisho ziza gushigikira ico ciyumvira kubera wakuze bakubarira ko ugiza amafaranga menshi ngo utogenda uhonyoje ikirenge mu bwami bw’ijuru, gutyo , ukuba , mu kibanza c’isanamu y’ukuba umutunzi nyabuna wahashize isanamu y’abantu bariko barasha mu muriro udahera kubera bapfuye ari abatunzi!!!

UMUTI NI UKURABA UBUHINGA BW’UGUKIRANURA IYO ISANAMU Y’IBISHOBISHO NK’UKO TUZOZA TURABIGANIRA MURI RUNO RUKURIKIRANE IKINYAMAKURU CANYU KIGIYE KIRAZOBATOROROKANIRIZA. CA URWEVU!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691