BurundiEconomyhomepagekirundiSécurité alimentaire

Bimwe mu bifungurwa vya nkenerwa vyatanguye kuduzwa igiciro

Ibiciro vy’ibidandazwa vya nkenerwa nk’umuceri n’ibiharage bimaze imisi vyongeweko amafaranga ashika ku majana atandatu ku kilo kimwe (600Fbu) mw’isoko nkuru yo mu gisagara ca Rumonge.

Iryo duzwa ry’ibiciro ku bifungurwa bimwe bimwe rikaba ahanini riva kukutagisohoka igihugu kw’abadandaza bahora baja kubirangura mu bihugu bibanyi kubera ikiza ca Coronavirus.

Yamara n’aho biri uko, abaguzi bo baguma babisuma ku bwinshi bavuga ko naho bizimvye bategerezwa kubigura mu ntumbero yo gutegekanya ivyo bokwikorako hamwe vyobura.

Iryo duzwa ry’ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa rikaba ryibonekeza no mu gisagara ca Bujumbura kuva aho ubushikiranganji bwo kwitaho amagara y’abantu no kurwanya Sida bumenyeshereje ko bwatoye abantu babiri banduye ico kiza ca coronavirus.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766