Environnementhomepagekirundi

Ingona zifise agaciro k’imiriyoni 300 y’amarundi nizo Albert Ngendera avuga ko yanyazwe

Intumbero ngo n’ugukingira abantu, ivyo n’ibishikirizwa n’ikigo c’igihugu kijejwe gukingira ibidukikije, nayo Albert Ngendera we agataka avuga ko ariko aranyagwa ingona zifise agaciro k’imiriyoni 300 z’amafaranga y’amarundi. Ivyo nivyo bishikirizwa n’impande zose zihanze amaso ingona 48 ziheruka gukurwa mu Gatumba aho zari zitungiwe.

Inyuma y’imyaka 15 atunze ingona, Albert Ngendera aheruka gutwarwa izo ngona kuko ngo zashobora kuba ikibazo ku bantu babana. Ivyo bikaba bishikirizwa n’ikigo c’igihugu kijejwe ibidukikije kuko bavuga ko zone ya gatumba iri muri Komine Mutimbuzi igize imisi iterwa n’amazi, gutyo ngo zirengewe zohava zirara mu bantu.

Ngendera nyene izo ngona avuga we ko atabitahura kuko ngo yarakirindiriye inyishu kwi kete aheruka gushikiriza umukuru w’igihugu. Ariko hampande aho ngo ntiyarazitunze mu kinyegero kuko ngo yaransazwe afise impapuro zibimwemerera.

Abasanzwe babana n’uwo mugabo bavuga ko izo ngona ata kibazo zari bwabatere, ariko nabo babifiseko amakenga kuko ngo ari nka hamwe zirekuwe ngo zohava zisanga zimaze abantu. Abo bakavuga ko izo ngona hari igihe zigeze gusohoka ariko barazifata bazisubiza mu rupangu.

Nk’uko amakuru dukesha insamirizi Isanganiro abishikiriza, izo ngona mwumva ziteye uruhagarara zikaba zigizwe n’izikuze 8 hamwe n’izikiri ntoya zababa 40, mwenezo akavuga ko zari zifise agaciro k’imiriyoni 300 z’amafaranga y’amarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755