Inkino

Kwizera Pirrot yagabanutse ibiro bitatu mu ndwi zibiri

 

Inyuma y’amezi atanu (5) adakora aruhutse kubw’imvune, Umukinyi w’intamba mu rugamba Kwizera Pierrot yamaze gutangura Imyimenyerezo .

 

 

Igihe yari ahejeje gukina muri rumwe mu rukino rwa  kivandimwe rwari rwahuje umugwi w’ abakinyi b’abarundi bakina hanze y’igihugu umenyerezwa na Vivier Bahati asanzwe ari icegera c’Umumenyereza wa Azam Fc yo muri Tanzania, hamwe n’Umugwi w’abakinyi bakina mw’ihiganwa rya muri Primus league usanzwe ufashwa Imyimenyerezo na Kyungu Lambert amenyereza Delta Star yo mu cicaro ca kabiri.

Aganira na Indundi Tv Pierrot Kwizera yarashimye kubona yagarutse mu kibuga inyuma y’amaze atanu (5) arwaye itako bita ( Déchirir) , eka ntiyasivye gushimira Vivier Bahati kubona yama abafasha mu kubakoresha Imyimenyerezo muri bino bihe bigoye vya Coronavirus .

Pierrot avuga y’uko mu ndwi zibiri amaze gukoreshwa Imyimenyerezo na Vivier Bahati amaze kugabanuka Ibiro (3).

yasubiye kandi abeshuza amakuru yigeze kumuvurwako y’uko yirukanywe muri Asante Kotoko yo muri Ghana, kuri we avuga ko bamuhaye umwanya munini wo gukora igeragezwa mugihe umugwi wiwe wa As Kigal wari Uzi y’uko umukinyi wabo yoba agiye kwumvikana n’uyo mugwi apana kugeragezwa .

Pierrot ni umwe mu bakinyi beza bo hagati Umugwi nserukira gihugu w’intamba ufise kandi wishimira .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037