groups-at-messageInkinokirundiSport

Ubutwari bwa Berahino , Cedric na Mavugo mu Gatumba

Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 19 Rusama 2020, niho hamenyekana igikorwa co gufasha abanya Gatumba bashikiwe n’umwuzure cari categuwe n’abahoze ari aba kizigenza b’intimba mu rugamba,  abo nabo akaba ari Saido Ntibazonkiza hamwe na Selemani Ndikumana .

Hanategurwa urukino rwa kivandimwe rwo Ku musi wa Gatanu Igenekerezo rya 22 Rusama Ku kibuga c’intwari , ku mugwi umwe wari wa bakinyi ba Saido Ntibazonkiza, uwundi wa bakinyi ba Selemani Ndikumana , rwarangiye banganya kimwe Ku ikindi.

Uburyo bwatororokanijwe muri  ugo rukino baciye babufashisha abanya Gatumba bashikiwe n’ibibazo vy’umuzurira.

Abakinyi nka kizigenza w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wo muri kino gihe Saido Berahino , Cedric Amissi hamwe na Mavugo Laudit nabo barifadikanije na bagenzi  babo muri ico  gikorwa .

Abo bakinyi b’intamba mu rugamba bakaba batashimye gushira ahabona igitigiri c’uburyo  baterereye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 471