homepage

Ukuri ku ndirimbo Diamond Platnumz ashobora gukorana n’umurundi

Ukuririmbana na Diamond Platnumz ngo ntaco yobivugako, ariko akizeza ko afise gahunda yo gukorana n’umuririmvyi wo muri Tanzania. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Mc Mellon ubwiwe aho yaragishika Ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Mc Mello akaba kandi anavuga ko muri gahunda afise harimwo n’ugukorera amasanamu y’indirimbo yiwe mu gihugu c’ubugande. Aho akizeza ko ivyo bikorwa atari ibizosohoka mu mwaka uza, ahubwo ari vuba bwango.

Mc Mellon muri ico kiyago yagiranye n’abamenyeshamakuru akaba avuga ko kwizerwa n’umurwi wari watumiye Diamond ari ngirakamaro, kuko vyamushize ahandi, kandi vyamweretse ko bizere ivyo akora kandi bakabona ko ari vyiza.

Mc Mellon akaba aje I Bujumbura mu karuhuko, ariko akaba yaje azananye n’umurwi utari muto, urimwo n’umu DJ wiwe asanzwe amuvugiriza indirimbo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686