EntertainmenthomepageIndundi Cinemakirundi

Gasore yavuze ko bagiye gukinisha abaririmvyi benshi mu mareresi yabo

Ismail gasore ngo ntibikunda ko umuntu atwenza abantu agenda kuri Stage atabanje gutegura ico ashikiriza abantu baje kumuraba, ariko ngo iyo vyanse niho acishamwo ivyo aba atateguye. Ivyo nivyo aheruka gushikiriza mu kiganiro Umukubito c’insamirizi Radio Colombe.

Gasore yabajijwe igihe ateye inkuru abantu ntibatwenge, ukavuga n’ivyo utateguye kandi ntibatwenge aho biba vyapfiriye. Ismail yavuze ko ata kosa bo baba bafise ahubwo ngo ikosa riba ari iry’ababa baje kubakurikirana, kuko ngo baba batatahuye ivyo we yashatse gushikiriza.

Muri ico kiganiro yanagarutse ku bikorwa vyiwe vya misi yose vyo gutwenza abantu aho avuga ko hari ibikorwa vyari biteguwe gukorwa muri uno mwaka ariko ikiza ca Corona Virus cahavuye kibaciramwo, bituma batabasha kubikora. Mu biteramo yavuga, harimwo ivyo hanze y’igihugu nkuko yabandanije abishikiriza.

Muri ico kiganiro kandi yagarutse ku bijanye n’ugushira mu mareresi yabo abaririmvyi bakomeye, aho yavuze ko babifise mu mugambi, naho bitarakunda nka neza, ariko ngo vuba hazobonekamwo benshi. Aho agatanga akarorero ka Alvin Smith yashizwemwo ubwa mbere.

Mwomenya ko uwo musore yatanguye gukina afise imyaka 8, mu mwaka wa 2014 aranahabwa agashimwe mw’ihiganwa ry’amareresi mu Burundi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770