“Bangaya imbaga nkabagaya intege” Mutima ngo ntariko aja mu nkino za karate kumwe n’abatarerura ivyuma, ico ariko akora n’ukwitonda, abo nabo akazobacokoza amaze gushika mw’ijuru, kugira arabe ko bazomukubitira imbere n’Imana.
Abakoresha igikenye, ingimba, no kurenganya abandi Mutima ngo ntabaha ikibanza akabavunira akagohe ababwira ko imanza zo mwijuru zitajamwo igikenye.
Uwo mu nyarwenya akaba muri ino misi ariko azana imvugo zifobetse aho ashiramwo imigani, nka “Urucira umukate rugahitana ivoka”.
Ku bakunzi burwo rwenya mushobora gukurikirana hano musi