Entertainmentkirundi

Kirikou Akili umuduga yerekana nkuwo yahezagijwe

Umuririmvyi akiri muto cane benshi bazi nka Kirikou Akili ahurikiye mumuryango Bantu Bwoy arabandanya avyifatamwo neza cane ku ndirimbo yiwe nshasha arikumwe na Big Fizzo, indirimbo babatije izina rya BINUWA ariko kandi akabandanya aboneka nk’umuririmvyi akiri muto mugabo afise igikundiro kirenze kubakurikirana ibikorwa vyiwe naho atawukundwa na bose nk’ifaranga.
Umuririmvyi Kirikou Akili nkuko yabicishije kurubuga rwiwe rwa Instagram yashoboye kwerekana ikintu gisa nkaho catangaje abantu benshi cane basanzwe bamukurikirana kuri urwo rubuga.
Aho yerekana isanamu  yegamiye umuduga anafise urufunguzo muminwe yashoboye kwandika ano majambo akwirikira:
“kabe gato kabe rwanje”
“#Dukora Dusenga Dusenga Dukora”
Ayo niyo majambo yashoboye gutangaza benshi aho bibajije ati mbega Akili yoba yaguze canke yaguriwe umuduga vyukuri?
Mbega wewe nawe wibaza ko vyoba bimeze gute kuruwo musore wa BANTU BWOY?

Mu makuru yacu yo hanyuma tuzobazanira ido n’ido.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550