BurundikirundiSpirituality and progressUrwevuyouth

Urwevu: weho niwitaba Imana abantu bazovuga ko wamaze iki?

Ufatiye ku vyo uriko uvuga ko bandi usanzwe uzi bitavye Umuremyi, weho mbega niwitaba Umuremyi bazosigara barakuvugako iki? Aka ni ko kanya k’ukubitegura.

Mu gitabo canditswe n’umwanditsi wo muri America “Stephen Corvvey” citwa :7 habits of highly effective people”, aratanga iciyumviro codufasha muri iyi nzira y’ubuzima twajemwo hano kw’isi.

Mu vyo avuga rero, aramenyesha ko tweho dufise amahirwe akomeye kurusha ibikoko, kuko hejuru y’ubushobozi butari buke duhurijeko n’ibikoko, tweho dufise ikirenzeko gikomeye” Ubuntu”.

Ni muri urwo rugero rero duheza tukagirira ubushobotsi busa naho butangana n’ubw’Imana. Urwo rugero rero ruduha ubushobozi rw’ukurema mu mitwe yacu ibijanye na kazoza kacu.

Mu kugira rero umenye vy’ukuri ico umutima wawe wifuza ko uzorangiza ubuzima umaze, uwo mwanditsi aduha iciyumviro c’uko umuntu yofata akanya agategura ijambo bazovuga ku musi bazomuherekeza ubwa nyuma.

Ahanura mbere ko wotegekanya amajambo menshi. Abo mukorana bazokuvuga ngw’iki batakubesheye? Abavyeyi, abo musangiye ukwemera….

Ivyo rero ukaramuka uronse ingoga z’ukubitegekanya , ngo biraheza bigatuma nyabuna ubu ugihema wihatira kuzosiga ubishitseko.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 505