BurundiDevelopmentEconomyhomepagekirundi

Ubutunzi bw’igihugu ngo burashobora kwiyongera kugera ku bice 4.3 kw’ijana gushika mu mwaka uza

Ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi ngo burashobora kwiyongera gushika ku rugero rw’ibice 3.7 kw’ijana uyu mwaka w’2020 bugasubira kwiyongera kandi gushika ku rugero rw’ibice 4.3 kw’ijana mu mwaka w’2021.

Ivyo ngo bishobora gukunda biturutse kw’ishorwa ryisununuye ry’ikawa, umwimbu mu burimyi hamwe na poritike yo gutunganya gushasha ibijanye no kuvunja amafaranga mvamahanga.

Ivyo ni ibiri mu cegeranyo c’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD, (Banque Africaine de Développement).

Yamara nubwo biri uko, ico cegeranyo cerekana ko biboneka ko ibijanye no gufungura bikirimwo agahaze, eka n’ubushomeri hamwe n’ibiza ngo birabangamiye Uburundi n’ababubamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769